Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Côte d’Ivoire : Abakinyi bahawe ubushimwe buhagije - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Côte d’Ivoire : Abakinyi bahawe ubushimwe buhagije

Côte d’Ivoire : Abakinyi bahawe ubushimwe buhagije

mercredi 11 Ruhuhuma 2015

Umushikiranganji w’inkino wo mu gihugu ca Côte d’Ivoire yatangaje ko abakinyi 23 b’umurwi nserukiragihugu batsindiye igikombe ca kabiri ca CAN 2015 bahawe ubushimwe bushimishije. Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru eka n’abamenyereza b’umurwi barahawe ubushimwe.

Mu ntumbero yo gukeza umurwi nserukiragihugu, umukuru w’igihugu Alassane Ouattara yahaye umukinyi wese amahera angana ama "euros" ibihumbi 90 (90 000 euros). Ayo mahera Ouattara yahaye umukinyi agabuye uku gukurikira : umukinyi wese yahawe inzu nziza yo mu gisagara (Villa) ifise agaciro k’ama "euros" angana imiriyoni 46 (46 000 euros), ayo mahera nyene yaciye ahabwa mu minwe umukinyi wese (46 000 euros), ayo yose aharurwa mu miriyoni 92 z’ama "euros". Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’inkino Alain Lobognon kuri uwo wa kabiri igenekerezo rya 10 Ruhuhuma 2015.

Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu nawe yahawe ama "euros" angana 114, ayo yahawe umumenyereza w’Umufaransa Hervé Renard

Bahejeje gutanga ubushimwe, umukuru w’igihugu Alassane Ouatara ari ku kirimba, mw’ijambo ryiwe yavuze ati : "Ku bwanyu, Côte d’Ivoire irasubiye kwiyunga!". Abandanya ati : "Mwarashoboye kwubaka urunani rw’umurwi umwe ufise intumbero imwe : gutsinda no gutsinda igihe cose. Ni icigwa co kwegerana. Twagira dukwize ica kane c’imyaka ijana twipfuza ico gikombe, none ng’iki turagitahukanye, kuva ubu rero turonse ica kabiri, turondere ica gatatu naco". Ivyo abivuga abona ko inyuma y’imyaka ibiri bosubira gutwara igikombe ca CAN 2017.

Yaya Touré, Copa Barry na Siaka Tiéné bambitswe ikanga ry’urwego rwa "Chevalier National" baca bashirwa ku rwego rwa "Officiels de l’Ordre National" eka n’umumenyereza Hervé Renard yahawe ayo mateka.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Côte d’Ivoire ryahawe ibahasha ringana ama "euros" ibihumbi 380. Abagize urwego nshingwatwaro n’ubuhinga mu murwi, bazogabura ibihumbi ama 460 vy’ama"euros". Reta yatanze yose hamwe amahera angana imiriyoni 3 z’ama"euros".


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Abarundi turavyishimiye, ariko turaje turebeko bitarenze mumwaka wa 2025 icogikombe kizokwinjira Burundi canke Congo, Tanzania, Kenya, nu Rwanda one in these.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.