Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cote d’Ivoire: Hatanguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ukwitoza kwa Alassane (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cote d’Ivoire: Hatanguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ukwitoza kwa Alassane (...)

Cote d’Ivoire: Hatanguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ukwitoza kwa Alassane Ouattara

vendredi 11 Nyakanga 2015

Umuntu umwe niwe yapfuye,abandi benshi barakomereka mu myiyerekano yo kwiyamiriza ko umukuru w’igihugu ca Côte d’ivoire Alassane Dramane Ouattara yotoreza kurongora igihugu.

Imyiyerekano yabaye kuwa Kane igenekerezo rya 10 Nyakanga 2015, cane cane mu bice vy’Uburengero, yiyamiriza ko umukuru w’igihugu asubira kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu,mu matora ategekanijwe igenekerezo rya 25 Gitugutu 2015.

Iyo myiyerekano yatanguye,inyuma yaho inama ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro mu gihugu ishiriye ku mugaragaro,abantu 10 muri 33 bari basavye, bemerewe kuzohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Imyiyerekano yagizwe n’umurwi w’abantu bashigikiye Laurent Gbagbo yahoze ari umukuru w’igihugu agatsindwa mu matora na Alassana Ouattara.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ariko aba baperezida bacu nibiki babonye kubuperezida? Sha na peter niko bazomugira aragabe ubu ho azovuga ngo nawe aje kwivuza? Ko numva nabo batinya gupfa nagira bobo ntibobitinya banigagura abandi nabo babitinya?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.