Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cote d’Ivoire : Ibihumbi 11 vy’abarwanyi basubijwe mu buzima busanzwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cote d’Ivoire : Ibihumbi 11 vy’abarwanyi basubijwe mu buzima busanzwe

Cote d’Ivoire : Ibihumbi 11 vy’abarwanyi basubijwe mu buzima busanzwe

dimanche 6 Gitugutu 2013

Abarwanyi barenga ibihumbi cumi na kimwe bo mu gihugu ca Cote d’Ivoire ku bihumbi 65, ni bo basubijwe mu buzima busanzwe babanje gusubiza ibirwanisho hasi nk’uko bimenyeshwa na Fidele Sarassoro, umuyobozi ajejwe umugambi wo kwaka ibirwanisho n’ugusubiza mu buzima busanzwe abanyagihugu.

Uyo muyobozi akaba amenyesha ko gushika mu mpera z’uyu mwaka w’2013, bazoba bamaze gusubiza mu buzima busanzwe abarwanyi bagera ku bihumbi 30, mu birori vyo gutanguza uwo mugambi vyabereye mu gisagara ca Bouaké, igisagara kigira kabiri c’igihugu ca Cote d’Ivoire.

Bouaké rero kikaba carabaye ikirimbiro ry’imirwi y’abantu bitwaje ibirwanisho mu myaka y’2011 n’2012, aho bari bigaruriye Uburaruruko bw’igihugu. Iyo mirwi yarwana rero ikaba yaciye yafatikanya na Alassane Ouattara mu gihe c’umwaka w’2010 ushira umwaka w’2011, aho abantu barenga ibihumbi bitatu bahasize ubuzima. Uyo murwi wo gusubiza mu buzima busanzwe abarwanyi n’ukubaka ibirwanisho, wari waragoranye mu myaka iheze, aho mu gihugu ca Cote d’Ivoire, ndetse aho vyari vyaragaragaye ko udashoboka, ubu ku ntwaro ya Ouattara akaba ariho bisa n’aho bishobora kuzokunda.

Ico gihugu ca Cote d’Ivoire kikaba gitegekanya ko abarwanyi bose bashika ibihumbi 65, bategerezwa kuba basubijwe mu buzima busanzwe bitarenze mu mwaka w’2015, kugira ntibaze bahungabanye amatora ariko arategurwa muri ico gihugu.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.