Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cote D’ivoire : Les Elephants yaraye ivuye mu mahiganwa ya CAN - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Cote D’ivoire : Les Elephants yaraye ivuye mu mahiganwa ya CAN

Cote D’ivoire : Les Elephants yaraye ivuye mu mahiganwa ya CAN

lundi 4 Ruhuhuma 2013

Ntugatangaze intsinzi utaraheza urugamba
Drogbas yari yatanguye yishimiye cane kuzotahana CAN ariko amahirwe yabaye make.

Cote d’ivoire yari ifise amahirwe yo kuzotahukana igikombe ca CAN ariko Nigeria yaraye iyitsindiye kuri stade ya RUSTENBURG ibitsindo 2 kuri kimwe gutyo iba ivuye mumahiganwa. Kubw’uwo murwi wiyita INZOVU kunanirwa kwayo kwabaye mpuzamakungu kuko bose bari biteze ko ariwo wotahukanye intsinzi.

Abakinyi ba Cote d’ivoire ntibashoboye kuvyura umutwe kuri uyu w’Imana genekerezo rya 3 Ruhuhuma aho abakinyi ba Nigeria baje bazikenyeye babatsinda batarashika no mugice ca kabiri gishira ica nyuma ibitsindo 2 kuri 1 mu minota ya nyuma y’igice ca mbere Emenike niwe yugururiye ibitsindo umurwi wa Nigeria, hanyuma Tiote wa cote d’ivoire atsinda ikindi ku munota wa 50 gutyo baba baranganije. Vyose vyagiye kudadanurwa na Mba kumunota wa 78 aho yinjije igitsindo ca 2 gutyo aba ahaye intsinzi umurwi « Super Eagles » wa Nigeria.

JPEG - 8.2 ko

Nigeria rero izotana mumitwe na Mali murukino rushira urwanyuma hazoba ari kuwagatatu kumugoroba muri stade ya Durban. Cote d’ivoire yananiwe ubugira kabiri inyuma y’umwaka umwe itsinzwe na Zambie mugutera ama penariti.

Kuva mu mwaka w’1992 cote d’ivoire ntirasubira gutsinda CAN. Ku myaka 35 Didier Drogba amaze, mu mateka yiwe ntazosubira gutsinda CAN kuko buca akukuruka.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.