Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Côte d’ivoire : Simone Bagbo azocirwa urubanza na sentare yo mu gihugu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Côte d’ivoire : Simone Bagbo azocirwa urubanza na sentare yo mu gihugu (...)

Côte d’ivoire : Simone Bagbo azocirwa urubanza na sentare yo mu gihugu ciwe

samedi 21 Nyakanga 2013

Simone Bagbo, umupfasoni wa Laurent Bagbo uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Côte d’Ivoire azocirirwa urubanza na sentare yo muri Côte d’Ivoire, nk‘uko bimenyeshwa na Leta ya Côte d’Ivoire mu gihe hariko hakorana inama y’abashikiranganji.

Leta ya Côte d’Ivoire yasanze urubanza rwa Simone Bagbo rutotwarwa muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ahubwo ko yocirirwa urubanza na sentare yo muri Côte d’Ivoire. Ivyo vyamenyeshejwe mu nama y’abashikiranganji, kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 20 Nyakanga 2013. Muri iyo nama, hakaba harimwo umushikiranganji w’urwaruka n’inkino, Alain Lobognon, akaba ari nawe yashikirije iyo nkuru ku muhora wiwe wa twitter.

Ku bwa Leta ya Côte d’Ivoire, bavuga ko igihugu cabo irashobora gucira Simone Bagbo urubanza rwiza, kandi rutari urw’akarenganyo, mbere ko ari nayo mpamvu batamurungitse muri ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Ku mutahe wiwe watanzwe igenekerezo rya 29 Ruhuhuma umwaka w’2012, uwo mupfasoni wa Bagbo ashobora nawe gukurikiranwa n’ubucamanza co kimwe n’umugabo, kubw’ivyaha vyo mu ntambara yagirizwa, vyakozwe inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2010- 2011.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.