Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cote d’Ivoire : Simone Gbagbo yoba akitswe n’amagara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cote d’Ivoire : Simone Gbagbo yoba akitswe n’amagara

Cote d’Ivoire : Simone Gbagbo yoba akitswe n’amagara

vendredi 3 Rusama 2013

Simone Gbagbo, umutambukanyi wa Laurant Gbagbo yahoze ari umukuru w’igihugu ca Cote d’Ivoire, niho kuri uyu wa kane igenekerezo rya 2 Rusama yinjira ibitaro vy’i Abidjan asanzeyo umuhungu wiwe Michel Gbagbo.

Uyo yahoze ari umutambukanyi w’umukuru w’igihugu akaba amaze imyaka ibiri yose acunzwe kugira ntace mu ryahumye inzego z’umutekano mu Buraruko bushira Uburengero bw’igihugu ca Cote d’ Ivoire. Igihe yakurwa muhira iwe ajanywe kwa muganga, bamureruye na ambiranse yiwe, iherekejwe n’imiduga 2 y’igipolisi gicunga inzego mva makungu.

Amaze gushikanwa aho avurirwa, inzego z’umutekano zararwijwe n’abashinzwe gucungera umutekano w’umukuru w’igihugu Alassane Ouattara, kuburyo ivyo bitaro aba polisi batakubita urugohe.
Gushika n’ubu ntanakimwe cemeza ko Simone Gbagbo arwaye, abamuburanira bo bakemeza ko abamukurikiranira ubuzima bamusavye ko yoza araja kwa muganga i Abidjan kugire bamusuzume, mugihe abandi nabo bamenyesha ko igihe yakira intumwa yigenga ijejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU aho asanzwe acungiwe babona amagara yiwe yifashe neza.

Muri iki gihe rero Simone Gbagbo akaba arwaranye n’umuhungu wiwe Michel Gbagbo afise indwara y’amenyo, urwagasha hamwe n’ingorane y’umutima, aho we yinjiye ibitaro kuwa 18 Ndamukiza 2013.

Uwahoze ari umupfasoni w’umukuru w’igihugu ca Cote d’Ivoire rero akaba aronderwa na sentare mpuzamakungu mpana vyaha y’Ilahe ku vyaha vyo guhohotera agateka kazina muntu, mu gihe igihugu ciwe naco kimwagiriza kuba yaragize ihonyabwoko, igihugu kikaba cipfuje kuva kera ko aribo bomucira urubanza ari mu gihugu iwabo.
Ariko bikaba bivurwa ko Ouattara yoba aherutse kugondozwa n’igihugu c’Ubufaransa kugire Simone Gbagbo ajanwe i Lahe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.