Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Côte d’Ivoire: Umukuru w’abacunga Simone Gbagbo yaciriwe gupfungwa imyaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Côte d’Ivoire: Umukuru w’abacunga Simone Gbagbo yaciriwe gupfungwa imyaka (...)

Côte d’Ivoire: Umukuru w’abacunga Simone Gbagbo yaciriwe gupfungwa imyaka 20

mercredi 5 Myandagaro 2015

Sentare ya gisirikare mu gihugu ca Cote d’Ivoire yaciriye igihano co gupfungwa imyaka 20 commandant Anselme Seka Yapo,yahoze ari umukuru w’abasirikare bacunga ubuzima bw’umugore wa Laurent Gbagbo,Simone Gbagbo

Anselme Seka Yapo yagirizwa ivyaha vy’ubwicanyi vyakozwe inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu muri Cote d’Ivoire hagati y’imyaka k’2010 n’2011.

Naho yari yejejwe ku caha co kunyuruza amatungo ya Reta,n’ibikoresho vya gisirikare,Anselme Seka Yapo yaciriwe ico gihano yagirizwa gukora ubwicanyi abishaka,gukubita no gukomeretsa.

Séka Yapo Anselme azwi kuba ariwe yishe arashe umudereva yatwara imodoka y’uwahoze ari umushikiranganji w’agateka ka zinamuntu Joël N’Guessan, mu magume yabaye inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2011.

Komiseri wa Reta yavuze ko mu gihe commandant Anselme Seka Yapo azoba acidegemvya igihugu ca Cote d’Ivoire kitazoronka amahoro.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.