Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cote d’Ivoire: Umunyeshuri muri kaminuza yatanze ibisabwa kugira yitoze (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cote d’Ivoire: Umunyeshuri muri kaminuza yatanze ibisabwa kugira yitoze (...)

Cote d’Ivoire: Umunyeshuri muri kaminuza yatanze ibisabwa kugira yitoze umukuru w’igihugu

jeudi 20 Myandagaro 2015

Umurwi utegura amatora mu gihugu ca Cote d’Ivoire wakiriye impapuro zisaba kwitoza z’umunyeshuri muri kaminuza.Ayo matora azoba kw’igenekerezo rya 25 Gitugutu 2015.

Uwo munyeshuri azwi kw’izina rya Bernadin Yobo Nago,afise imyaka 30.
Umuhinga muvya politike yavuze ko uwo munyeshure adashobora kwemererwa kwitoza kuko amategeko atomoye,nayo akavuga ko umuntu akwije imyaka 40 ariwe wenyene afise uburenganzira bwo kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Yobo Nago abaye uw’indwi amenyesheje ko ashaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu inyuma ya Bolou Gouali Eloi, Alassane Ouattara, Siméon Konan Kouadio, Henriette Lagou, Nanan Koua Gnamantê, Ahoua Stallone, Adama Ouattara na Norbert Israël N’ Goran Koffi.

Gutanga ibisabwa kugira bitoze mu kibanza c’umukuru w’igihugu bizohagarara kw’igenekerezo rya 25 Myandagaro 2015.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.