Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafika : Abagirizwa ubwicanyi bw’agahoberabunwa bagiye gukurikiranwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafika : Abagirizwa ubwicanyi bw’agahoberabunwa bagiye gukurikiranwa

Centrafika : Abagirizwa ubwicanyi bw’agahoberabunwa bagiye gukurikiranwa

samedi 8 Ruhuhuma 2014

Umushingwamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI) Fatou Bensouda yafashe ingingo yo kwugurura ibikorwa vya mbere kugira higwe ubwicanyi bw’agahoberabunwa bwakorewe mu gihugu ca Centrafrika.

Ku mezi arenga 12 ahaciye hariko haba ubwicanyi bw’agahoberabunwa mu gihugu ca Centrafrika, kuva muri Nyakanga 2012, igenekerezo umurwi wa seleka washingiweko, sentare mpuzamakungu mpanavyaha yaraye ifashe ingingo kuri uyu wa gatanu wa 7 Ruhuhuma 2014 yo kwiga ivyahakorewe vyose.

Kubw’umushingwamanza Fatou Bensouda, ivyo bikorwa vya mbere ni intambwe nyamukuru imbere y’uko hugururwa ku mugaragaro amatohoza y’ubwicanyi bw’agahoberabumwa bwakorewe muri Centrafrika.
Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ikaba imaze gutororakanya bimwe bimwe muvyakozwe muri Centrafrika, na cane cane ivyakozwe hagati y’umwaka w’2002 n’uw’2003. Naho ivyo bikorwa vya mbere bitegekanijwe gukorwa bizoba ari intambwe ya mbere, ntibisigura ko amatohoza ya mbere azoba atanguye, ariko kugira barabe ko Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ishoboye neza gukora ivyo bikorwa.

Aho twobibutsa ko Fatou Bensouda yari amaze kugabisha akatari gake abagirizwa gukora ubwicanyi bw’agahoberabunwa muri Centrafrika ko boshira ibirwanisho hasi bareke gusesa amaraso y’abataco bazira. Akaba yashimikiye ku bw’icanyi bwakozwe mu kwezi kwa Nyakanga 2012, igenekerezo abaroberi batangura gutera igisagara ca Damara na Sibut. Ibitari bike bikaba vyarahanonekariye, ubwicanyi bw’agahoberabunwa, ugusahura, itotezwa hamwe n’abana bakiri bato batwaye mu ngwano.

Mwomenya ko ibiro vy’umushingwamanza bigiye kwegera abategetsi ba Centrafrika kugira bigire hamwe ivyokorwa mu gucira imanza abagirizwa bose. Ivyo biro kandi bigiye gukorera hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, mu kwegeranya amakuru yose akenewe mu gusuzuma ibikorwa sentare mpuzamakungu mpanavyaha igiye gukora.


Bukuru Mariella

Messages

  • Iyo Sentare CPI gucira imanza abagirizwa ubwicanyi bwagahomerabunywa ntivyari bibi ariko irabe ntize yibanda kuri Afrika gusa kuko no muri Syria ivyaha nk’ivyo birakorwa na cane cane ko bavuga kw’ikwandamiza abanyafrika gusa!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.