IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > CREDEJ : Ishure shingiro ntiryigeze ryitegurirwa

CREDEJ : Ishure shingiro ntiryigeze ryitegurirwa

mercredi 9 Mukakaro 2014

Ishure shingiro ntiryiteguriwe bikwiye kanatsinda ntiryigeze rinakurikiranwa, ivyo bigaragarira mu rwandiko umushikiranganji w’amashure mato mato n’ayisumbuye yarungitse ku mashure aho asaba ko icigwa co gutunganya imigambi (entrepreneuriat) hamwe n’icigwa c’utugenegene bitofatirwako mu gutanga amanota muri uno mwaka w’2013-2014.

Mu rwandiko (note circulaire numero 620 /Cab.min) rwo kuwa 17 Ruheshi 2014 rujanye n’ivyo bazofatirako mw’itangwa ry’amanota umushikiranganji yarungitse mu mashure shingiro mu mwaka w’indwi, icigwa co gutunganya imigambi hamwe n’icigwa kijanye n’utugenegene ntibizofatirwako mu gutanga amanota mu mashure yose, kuko mu mpera z’umwaka batigeze baronka abigisha bakwiye, nk’uko biboneka muri rwo rwandiko.

Mu kiganiro n’ikinyamakuru IGIHE, mw’ishirahamwe CREDEJ (Centre pour le Renforcement de l’Education et du Développement de la Jeunesse), ishirahamwe ryishinze guteza imbere inyigisho n’iterambere ry’urwaruka, bamenyesha ko ari icemezo kigaragaza y’uko ishure shingiro ritigeze ryitegurirwa ndetse, ntiryakurikiranywe bikwiye, nk’uko Arsène Arakaza, umukuru w’iryo shirahamwe abishikiriza. Ku bwiwe, Reta n’ubushikiranganji bw’amashure mato mato n’ayisumbuye bwarihuse gutanguza umugambi w’ishure shingiro, nk’uko n’abandi bagiye babisemerera.

Mw’ishirahamwe CREDEJ bavuga ko icigwa ca Entrepreneuriat gikuwemwo, ishure shingiro ridasubira kugira intumbero kuko intumbero yaryo yari iyo kwigisha gutunganya imigambi kuko harimwo ivyigwa bijanye no kumenya kworora, uburimyi, hamwe n’ingene umuntu ashobora gutunganya imigambi yiwe atarinze gusaba uburyo Reta.

Muri CREDEJ basaba Reta kuraba igakosora mu mwaka uza utunenge twose twibonekeje mw’ishure shingiro, kuko bigaragara neza ko ritigeze ryitegurirwa neza.


Floxella Karire

Messages

  • Nyamubura ikimuhanura niwe nyamubura ikimuhamba!Ivyo se biriko biba abarundi isinzi batasemereye!!!Ariko abigira ko bazi ubwenge bwinshi bakanagira ko aribo bakunda igihugu gusumba abarundi injojo barahadikirije ishure rishingiro.Bamenye neza ko ivyo bakora burya ataho bataniye n’abansi b’igihugu.Kuko kuroga umwana ni ukwaka kazoza keza igihugu.

  • Ni vyiza ko twohana ivyiyumviro vyubaka vyo kubogora Ishure Shingiro, kuko ririmwo ivyiza atari bike abana b’Uburundi bari bagiye gushikako. Ntiturisambure rero. Hamwe twofatana mu nda tukaronderera inyishu hamwe, vyogenda neza. Ku ruhande rw’Ishure ry’Ubuhinga bw’Umuziki INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA ndongoye, nsubiriye gutera akamo abategetsi babijejwe mu BUSHIKIRANGANJI BW’AMASHURE Y’INTANGO N’AY’ISUMBUYE, ngo bigore turabe ko tutopfuma dutegura neza n’abigisha na bakeya b’icigwa c’umuziki, kugira mu kwezi kw’icenda kuza ICO KIBAZO GIHERE BURUNDU bashobore kwigisha umuziki ata ngorane mu mwaka w’indwi 7eme no mu w’umunani 8eme. Kubw’ineza y’Igihugu n’iy’abana b’Uburundi, turashobora kwumvikana tukagabanya cane amafranga twobasavye kugira dutegure vuba abo bigisha. Igitabo c’umuziki ca 7eme bari baranditse twaragikosoye kuko twasanze kirimwo amakosa menshi adashobora gukorerwako. Ntibongere guhendesha Abarundi ibintu biteye isoni bidahuye n’amategeko mpuzamakungu y’ubuhinga bw’umuziki twize. Uretse kuba twarize ubuhinga bw’umuziki ku rwego rwo hejuru, jewe ubwanje narabaye Professeur w’ico cigwa muri ECOLE NORMALE YO MU KIBIMBA kuva mu 1975 gushika mu 1977. Vyongeye ndi mu bashinze ORCHESTRE NATIONAL YA MBERE Y’UBURUNDI mu Bushikiranganji bw’Imico kama mu 1977 mvuye mu gikorwa c’ubwigisha. Ubu naho nkaba nashinze INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA kugira ifashe mu guha Uburundi Abigisha b’umuziki bavyize neza kandi babishoboye. Na programme ya 8eme na 9eme n’izikurikira turazizi neza kuko turazi ingene urukurikirane rw’ivyigwa vy’umuziki rugenda. INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA iriteguye gufasha Leta y’Uburundi mu gukemura burundu ico kibazo kiraba ICIGWA C’UMUZIKI. Abo bakomeza kuza barategura utuntu tw’udu FORMATIONS MU MUZIKI two guhuma amaso Abarundi n’amakungu, ni babireke kuko bariko bongera ikibi mu kindi MU KWONGERA KWONONA AMAFARANGA Y’IGIHUGU BIGISHA AMAKOSA BONGERA NO KWANDIKA IBITABO BIRIMWO AMAKOSA. Nibatureke dutabare ico gisata c’Umuziki mu mashure kuko turabishoboye kubasumvya. Ni Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE, ndongoye ishure INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA. email: [email protected] , Telephone: 79 877 097

  • Turabashimiye cane namwe abarongoye CREDEJ kuko mwerekanye ko mukora neza ibikorwa mwiyemeje. Hari abadutelefonye mu kanya gaheze baraduterera ivyiyumviro ngo tubwire CREDEJ yegere amashirahamwe mpuzamakungu izi ko yotanga uburyo, iheze isabe amafaranga yoca akoreshwa ubu nyene mu gutunganya SEMINAIRE Y’UKWEZI KUMWE YO GUTEGURA NK’ABIGISHA MIRONGWIBIRI-BIRI B’ICIGWA C’UMUZIKI BAVUYE MU NTARA 17 Z’UBURUNDI (total bakaba 340) bagahurira nk’i Gitega.
    Ku ruhande rwacu twebwe INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA twashimye cane ico ciyumviro. Kitweretse ko abanyagihugu barajwe ishinga n’ico kibazo. Ivyigwa vy’umuziki bijanye na programme y’umwaka w’indwi wa Shure Shingiro, turabifise biteguye neza twisunze uko bari babitunganije mu Bushikiranganji, kiretse amakosa twakosoye muri kirya gitabo c’umuziki bari bageneye umwaka w’indwi. N’amajwi yose ya zirya ndirimbo bateguye ko zizokwigishwa twarayarondeye turayategura neza, ku buryo abigisha bose bova muri urwo ruganda bayamenye neza kumwe bagaheza bakaja kuzigisha kumwe. N’icigwa c’umuziki c’umwaka w’umunani na co nyene turagifise twaragiteguye neza. Hamwe CREDEJ yoba ibona ko ico ciyumviro twatererewe n’abanyagihugu yogishigikira, tworushirizaho kubashimira. Twebwe INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA turiteguye kubigisha. Iri Shure ryahawe uburenganzira bwo gukora n’urwandiko Nshikiranganji No.226.01/CAB/1405/DGCA/2013 rw’Ubushikiranganji bw’Urwaruka, Inkino n’Imico Kama busanzwe bujejwe ivy’igisata c’Umuziki mu Burundi. Twoca dusaba rero ko Ubuyobozi bw’Indero (DPE) mu Ntara imwe-imwe yose y’Uburundi, bwoca buza burategura (nko ku misi ya gatandatu) ukuntu abo bigisha 20 twoba tubahaye ku ntara-ku ntara, boza barigisha bagenzi babo ku ma DCE baturukamwo, maze na bo bakagenda baza baravyigisha mu mashure yabo ku ndwi ikurikira. Nta cigwa na kimwe c’umuziki cokwongera gucererwa hamwe botangurana n’umwaka w’ishure, kandi gushika mu kwezi kwa Kigarama imbere y’ikiruhuko ca Noweli muri uno mwaka nyene, Abigisha bose mu gihugu boba bafise neza ubumenyi bukenewe bwo kwigisha programme y’Umuziki mu myaka y’indwi n’iy’umunani muri uno mwaka w’ishure wa 2014 - 2015, mu kurindira ko iri Shure ryacu ryosohora abahinga b’ibihangange mu muziki inyuma y’imyaka itatu.
    Muri kino kiringo INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA iriko iratanga ivyigwa vy’Umuziki ku Rwaruka rw’Abaririmvyi bo mu Ntara ya Gitega, ariko tubigisha ku muhingamo gusa. Hamwe CREDEJ yoshima gutunganya uyo mugambi abanyagihugu babatuye, turashobora kwemera kwigisha abo bigisha ba Shure Shingiro imisi yose imbere y’umutaga.
    Tuboneyeho akaryo ko gukebura abajejwe Ibiro bitunganya ama programmes y’Ivyigwa mu mashure (DIRECTION GENERALE DES BUREAUX PEDAGOGIQUES) ko Icigwa c’Umuziki kitameze kurya kw’ibindi, aho bashobora gufata umuntu kanaka bakamwereka ngo bitangwa uku n’uku, agaca aja kubitanga nawe. Ivyo ntibikora mu Muziki. Umuziki ujana no gushira mu ngiro (EXERCICES PRATIQUES NYINSHI ZO KURIRIMBA) aho umwigisha aha akarorero abanyeshure bagasubiramwo, akabakosora, akongera akamenya neza ibitari bike bijanye n’amategeko mpuzamakungu agenga umuziki adufasha gukemura ingorane nyinshi duhura na zo. Ntushobora gufata nka DCE kanaka canke UMUGENDUZI W’IVYIGWA ngo uramweretse ukuntu umuziki wigishwa, ngo ace aja kuvyigisha Abayobozi b’amashure atwara, hanyuma na bo baje kuvyigisha abigisha ku mashure yabo; ntibikunda, bazokwigisha amakosa gusa. Mbere ivyo birabujijwe rwose mu buhinga bwo kwigisha umuziki. TURARINDIRIYE RERO ICO NAMWE ABATWARA CREDEJ MWOBIVUGAKO.
    Twizeye ko Ubushikiranganji bw’Amashure y’Intango n’Ayisumbuye butokwanka ko tubufasha GUTORERA INYISHU IRAMA KANDI YIHUTA ITAGIRAMWO AMAKOSA ikibazo co kwigisha umuziki mu mashure yo mu Burundi. Murakoze.
    Ni Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE, Umurongozi wa INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA. Email: [email protected] ; Telephone : 79877097.

  • ntanguye kubashimira Mgr kuba mwarashizeho institut ifasha abantu mukwiga icirwa c’umuziki tukabasaba n’imbabazi kuba tugize ico tubivugako dutevye gato.ndi Félix NDACAYISABA,le Vice_Président du CREDEJ,ndabashimiye cane kuntererano zanyu zituma ubushikiranganji bushika kwihangiro bwihaye mugushiraho ishure nshingiro interano ahubwo ubwo bushikiranganji bwari bukwiye gufatirako bukarondera uburyo bugatako bukabegera mugakorana nantaryo ntihasubire kuba ijuragizwa ryabanyeshure hamwe n’abarezi.turabasaba Mgr mwebwe mufise abahinga muvyumuziki gushira ahabona amakosa ari muri ivyo bitabu kugirango ntagume akarwa n’abarezi mukwigisha abana bigihugu.Mgr turabashimira kandi n’umutima wogukunda igihugu mufise ivyo navyo bikabonekera kubikorwa mukora.kuvyerekeye intererano mwaduhaye mu kigo CREDEJ tugiye kuzikorerako tuzobaha inyishu kuri mail yanyu.ndangije ndabashimira.murashobora kutwandikira kuri [email protected], [email protected],ou au numero 79836272 d’Arsène Ou encore 79616447 de Félix mr6

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.