Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cristiano Ronaldo abaye umukinyi wa mbere kw’isi yinjije ibitsindo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Cristiano Ronaldo abaye umukinyi wa mbere kw’isi yinjije ibitsindo (...)

Cristiano Ronaldo abaye umukinyi wa mbere kw’isi yinjije ibitsindo vyinshi

mercredi 30 Ndamukiza 2014

Umurwi wa Real Madrid waraye wikuyeko umurwi wa Bayern Munich, hari muri ya mahiganwa ya Champions League ageze mu gice ca kabiri gishira ica nyuma. Uwo murwi Real Madrid watsinze waciye uronka uburenganzira bwo gukina urukino rwa nyuma. Cristiano Ronaldo yaciye aba umukinyi wa mbere afise ibitsindo vyinshi kuva Champions League y’umwaka w’i 2013-2014 itanguye. Eka ntawuramwegereza no muri kahise.

Ntivyoroshe mw’ijoro ryo kuri uwo wa kabiri ku kibuga Allianz Arena ca Bayern Munich, aho uwo murwi wari witeguriye bihagije kwakira Real Madrid mu rukino rwo gusubiza, narirya uwo murwi wari watsindiwe i Madrid mu rukino rwa mbere. Iyugururwa ry’umuruho kuri Bayern ryatanguye ku munota wa 16 aho Sergio Ramos yatsinda n’umutwe, umunyezamu Manuel Nueuer ntabone iyo caciye, eka uwo mukinyi nyene ntiyahagaritse iterabwoba, no ku munota wa 20 yasubirije ikindi gitsindo. Igice ca mbere carangijwe n’igitsindo ca Cristiano Ronaldo ku munota wa 34, aca akwiza ibitsindo 15.

Mu gice ca kabiri ca kabiri c’urukino, Pepp Guardiola nta kinini yahinduye atari agashavu kaboneka ku bakinyi biwe nka Franck Ribery aho yaguma agomba gusinda bikanka. Aho Iker Cassillas yari yitekaniye, mugenzi we Nueur wa Bayern yari arembejwe n’imipira yaterwa n’abakinyi ba Real Madrid, aha tuvuga nka Gareth Bale, Di Maria, Cristiano Ronaldo n’abandi.

Ku munota wa 90 urukino rugiye kurangira Cristiano Ronaldo yaciye yinjiza igitsindo c’agasunuzo kigira ica 16 kuva Champions League y’umwaka w’2013-2014 itanguye. Yaciye aba n’umukinyi wa mbere yinjije ibitsindo vyinshi kuva iryo higanwa ritanguye. Cristiano asumbije abakinyi nka Jose Altafini yakinira AC Milan yinjije ibitsindo 14, hari mu mwaka w’1962-1963 na Lionel Messi yatsinze 14 mu mwaka w’2011-2012.

Mwomenya ko umurwi wa Bayern waraye uvuyemwo ariwo uri kw’isonga mu mahiganwa yo mu Budagi, kandi niwo wari watwaye igikombe ca Champions League mu mwaka w’2013.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.