Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cristiano Ronaldo ntashima impanuro z’abamubuza kuzokina urukino na Atletico (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Cristiano Ronaldo ntashima impanuro z’abamubuza kuzokina urukino na Atletico (...)

Cristiano Ronaldo ntashima impanuro z’abamubuza kuzokina urukino na Atletico Madrid

vendredi 23 Rusama 2014

Hari igipfungu ku bakinyi b’ibihangange b’umurwi wa Real Madrid bashobora kutazokina urukino rwa nyuma. Cristiano Ronaldo azokina naho amagara yiwe atameze neza, ariko bagenzi we nka Pepe, Bale, na Benzema bashobora kutazokina. Cristiano aranegura ibibazo vy’abamenyeshamakuru bo mu gihugu ca Portugal badasha ko yokina kugira yibike azokine neza mu gikombe c’isi yose.

Urukino rwa nyuma rurangiza amahiganwa y’igikombe c’i Buraya "Champions League" buca ruhuza imirwi yo mu gihugu ca Espagne ariyo Real Madrid na Atletico Madrid. Umurwi wa Real Madrid urafise ingorane z’abakinyi b’ibihangange bashobora kutazokwitaba urukino.

Umwimenyerezo wa nyuma wa Real Madrid wabaye kuri uwo wa kabiri uheze. Cristiano Ronaldo ntiyagiye mu kibuga ariko yari yagiye kubonana n’umuganga avura imitsi. Muri iyo myimenyerezo, abakinyi karuhariwe mu kwinjiza Bale, Karim Benzema na Pepe ntibayitavye, ivyo rero bitera ubwoba abakunzi ba Real Madrid kuko batabona ahova intsinzi abo bakinyi batarimwo, kandi na Cristiano amagara atifashe neza.

Ivyo biri uko mu gihe, abarongoye umurwi nserukiragihugu wa Portugal, Cristiano akinamwo batabihurizako kuko bavuga ko azokinishwakandi atameze neza. Bafise amakenga ko ashobora gukomereka akazohava adakina mu nkino z’isi yose zizotangura kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi. Cristiano ababwira ko ata rukino na rumwe yakinye arwaye, ashaka kwerekana ko nawe nyene yikunda. Naho biri uko, Ronaldo aranegura abamenyeshamakuru baguma bamubaza ibijanye n’amagara yiwe.

Mwomenya ko umurwi wa Atletico Madrid aherutse gutwara igikombe c’amahiganwa yo muri Espagne mu gutsinda FC Barcelone, ariko n’uwo murwi uzokina ku munsi w’ejo utagira umukinyi w’igihangange, Diego Costa. Urukino rutazoba rworoshe na gato kandi rwitezwe n’abantu isinzi.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.