Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CYPRUS: Umukuru w’igihugu Nicos ashavujwe n’amakori - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > CYPRUS: Umukuru w’igihugu Nicos ashavujwe n’amakori

CYPRUS: Umukuru w’igihugu Nicos ashavujwe n’amakori

lundi 18 Ntwarante 2013

Umukuru wa Cyprus, Nicos Anastasiades, yavuze ko ari ko aragerageza kugabanya amakori yategetswe n’ibihugu bihuriye kw’ifaranga ry’uburayi ku mafaranga yo kubitsa atangwa mu ma banki.

Ayo makori yarateye ikibazo muri ico cirwa.
Mw’ijambo yavugiye kuri Television, umukuru w’igihugu Anastasiades yavuze ko nawe yifatanije akababaro n’abatanezererewe iryo kori ryategetswe n’ igihugu ciwe kubera ingurane cahawe n’ibihugu bikoresha ifaranga ry’uburayi n’ikigega mpuzamakungu, ingurane igera kuri miliyaridi icumi z’ama euro.

Umukuru wa Cyprus yavuze ko nimba inama nshingamateka itemeje iyo ngurane, amabanki akomeye abiri yo muri ico gihugu azohomba.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.