Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
David beckham n’umugore wiwe,abavyeyi b’akarorero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > David beckham n’umugore wiwe,abavyeyi b’akarorero

David beckham n’umugore wiwe,abavyeyi b’akarorero

vendredi 8 Ntwarante 2013

David Beckham asanzwe azwi cane murukino rw’umupira wamaguru kuri ubu biravugwa ko hamwe n’umugore wiwe Victoria Beckham bagize umuryango mwiza ugizwe n’abana 4 aribo Brooklyn w’imyaka 14, Romeo w’imyaka 10 Cruz w’imyaka 8 na Harper w’umwaka n’amezi indwi. Mumatora yagizwe na site yitwa Myvouchercodes.co.uk yerekanye ko uwo muryango ariwo ugizwe n’abavyeyi b’akarorero.

JPEG - 27.6 ko

Mukubikora babajije abavyeyi 1300 bafise n’imiburiburi umwana w’imyaka itatu ; umugabo n’umugore bobabera akarorero. Baca bahuriza kuri victoria na David Beckham kuko ngo ni abavyeyi bakundana cane ubwabo ,bama hafi y’abana babo bakabitwararika nkuko vyagaragaye igihe Cruz yagira isabukuru y’imyaka 8 y’amavuka, kandi bakaba abavyeyi bagaragaza ubumwe bwabo imbere y’abana babo

JPEG - 20 ko

Umuryango wa Beckham rero niwo wabaye uwambere mu majwi, hakurikira uw’umunyamideli yitwa Miranda Kerr n’umugabo wiwe yitwa Orlando Bloom. umuryango wa gatatu wabaye uwugizwe na Beyonce na Jay-Z.

JPEG - 20.1 ko

Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.