Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
David Guetta yifadikanije na ONU mu kugarukira ku mbabare - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > David Guetta yifadikanije na ONU mu kugarukira ku mbabare

David Guetta yifadikanije na ONU mu kugarukira ku mbabare

mardi 26 Munyonyo 2013

Uwo mu Dj w’umufaransa, yiyemeje gutanga intererano mu gufasha ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu kugarukira ku basigajwe na ca gihuhusi kivanze imvura cahitana abantu isinzi, abandi bagasigara mu gahinga co muri Philipines, no ku banyagihugu bari mu ntambara yo muri Siriya.

ku munsi wa gatanu w’igenekerezo rya 22 Munyonyo 2013, mu gisagara ca New York, David Guetta yari afise igiteramo co kwerekana amasanamu y’ururirimbo "One Voice". Mu gufasha izo nduhe yifadikanije na ONU, yemeye ko azokwama atanga i dorali rimwe uko ijambo « love » rizokwandikwa (tweeter) inyuma y’ijambo #theworldneedsmore. Ivyo rero yabimenyesheje mu gihe amasamu yariko yerekanwa ku mpome z’inzu ishirahamwe mpuzamakungu ONU rikoreramwo i New York.

Ivyo vyatumye amazu babikamwo amahera (Banques) n’ayandi mashirahamwe yemera guterera baciye muri iyo nzira. Akarorero ka hafi, n’ako ishirahamwe Gucci rikora impuzu n’ibirato rizotanga intererano nkiyo incuro ijambo « #strength » risigura inguvu rizokwandikwa (tweeter). Tubibutse ko muri Philipines hapfuye abantu barenga ibihumbi cumi, bahitanywe n’imvura irimwo umuyaga mwinshi.

David Guetta ati : « Nimba twoshobora kwitandukanya n’abandi mu kuvuga igikenewe tukongera tugafasha ishirahamwe ONU, kwegeranya amahera yo kugarukira kuri abo bagowe, jewe ndimwo ». Kuri uwo munsi Ban Ki-Moon arongoye iryo shirahamwe yari yitavye ico giteramo, yarashimye cane umutima w’ubuntu w’uwo muririmvyi, yongera amukengurukira ku mfashanyo yemeye kuzotanga. Ban Ki-moon avuga atwenga, ati : « Nguyu umuntu yiyumviriye ku ntambisha. »


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.