IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Desire Uwamahoro yahawe agashimwe n’umushikiranganji w’ubutungane

Desire Uwamahoro yahawe agashimwe n’umushikiranganji w’ubutungane

lundi 25 Nzero 2016

Umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume Bunyoni yarahaye agashimwe intwazangabo 44 mu gipolisi kubera ibikorwa vyiza bakoze mu mwaka wa 2015.

Umwe mu bavuzwe cane yaronkejwe agashimwe ni Desire Uwamahoro arongoye igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko,kubera ibikorwa vyiza n’ukwitanga.

Ako gashimwe yakaronkejwe mu gihe ubushikiranganji bw’umutekano bwariko buragenzura ibikorwa bwaranguye mu mwaka uheze wa 2015,kandi bwerekana imigambi nyamukuru buzoshira imbere mu mwaka w’2016.

Mu migambi itatu nyamukuru izoshirwa imbere ni kwubaka ibitaro vy’igipolisi, kwubaka ikigo gitanga inyigisho ku bapolisi bagomba kuja mu bikorwa vyo kugarukana amahoro, hamwe no gutanguza ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana ry’igipolisi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.