Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Di Canio yirukanywe bivuye ku bakinyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Di Canio yirukanywe bivuye ku bakinyi

Di Canio yirukanywe bivuye ku bakinyi

mercredi 25 Nyakanga 2013

Abakinyi bakuru muri Sunderland babonanye n’umuyobozi mukuru w’uwo murwi, Margaret Byrne, bidogera umumenyereza Paolo Di Canio imbere y’uko yirukanwa.

Di Canio yagiranye inama ikaze cane n’umurw ku munsi w’Imana inyuma yo gutsindwa na West Bromwich Albion, 3-0. Inyuma yaho, abakinyi bakuru babwiye Byrne ko amazi amaze kurenga inkombe kubera ugutyoza no gutuka abakinyi bigirwa n’uwo mumenyereza w’Umutariyano.

Sunderland ifise inota rimwe gusa mu mikino itanu mu mahiganwa y’ubu, mu mikino y’icicaro ca mbere. Uwahoze amenyereza Chelsea na West Brom, Roberto Di Mateo bivugwa ko ari we ashobora gusubirira Di Canio, ariko Gus Poyet, Tony Pulis na Alex McLeish nabo bahabwa amahirwe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.