Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Didier Drogba agiye kuzokwibagisha mw’itako inkino zo muri Bresil (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Didier Drogba agiye kuzokwibagisha mw’itako inkino zo muri Bresil (...)

Didier Drogba agiye kuzokwibagisha mw’itako inkino zo muri Bresil zegereje

vendredi 25 Ndamukiza 2014

Umukinyi Didier Drogba agiye kubarwa mw’itako, azokorerwa mu bitaro vy’ahitwa Doha muri Quatar. Ni mu gihe hasigaye ukwezi n’iminsi mikeyi kugira amahiganwa y’igikombe c’isi yose atangure.

Mu bitaro vy’i Doha mu gihugu ca Quatar niho umukinyi Didier Dogba agiye kubagirwa aho ukuguru guhurira n’amafyigo bita "aine" mu gifaransa. Ivyo bitaro bifitaniye amasezerano n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ryo mu gihugu ca Cote d’Ivoire (FIF) kuva muri Nzero 2014. Muri ayo masezerano harimwo kuvura abakinyi kuva mu myiteguro y’igikombe gushika baheze.

Uwo musatirizi w’umurwi wa Galatasaray akaba na kizigenza w’umurwi nserukiragihugu wa Cote d’Ivoire agira aje kwa muganga kubagwa mu gihe hasigaye iminsi idashika ukwezi n’inusu inkino z’igihiganwa z’igikombe c’isi zigatangura mu gihugu ca Brésil.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.