Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Didier Drogba ntahagaze neza mu mupira w’amaguru - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Didier Drogba ntahagaze neza mu mupira w’amaguru

Didier Drogba ntahagaze neza mu mupira w’amaguru

mercredi 22 Rusama 2013

Uwusanzwe ari umumenyereza w’ umurwi w’igihugu ca Cote d’Ivoire yahisemwo kandi gusubira kwizera umukinyi Didier Drogba, umukuru w’umurwi w’inzovu.

Kuva arungitswe i Shangai Shensua mu 2012, uwahoze ari umusatirizi mu murwi Chelsea, vyatumye atsinda mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru rya Buraya mu mwaka w’2012. Amaze kugaruka muri Cote d’Ivoire mu murwi wa Galatasaray mu ntumbero yo gukina mu mahiganwa y’ igikombe c’isi yose kizobera mu gihugu ca Bresil mu 2014, Didier Drogba azotegerezwa gutera intambwe mu gukina.

Urukino rwa nyuma rwa Drogba mu kwa kabiri 2013, rwari rubabaje kubera ko ryari ikuranamwo mu gice ca kane gishira icanyuma mu mahiganwa y’igikombe c’Afrika rwabahuza n’umurwi w’igihugu ca Nigeria, Cote d’Ivoire yatsinzwe 2-1. Mu rukino rero rwo mu gice ca mbere 2012, Drogba vyaboneka ko akinana intege nke arinako kurungikwa atevye mu murwi wo mu bushinwa Shangai Shensua. Drogba rero biboneka ko muri iki gikombe ca afrika 2013, atamahirwe afise.

Inyuma y’urukino rwa mbere rwuguruye izo nkino rwatangaje ku ruhande rwa Togo. Mu rukino rwanyuma na Algeriya, Cote d’Ivoire yagize amahirwe yo gukina urukino rukurikira. Umusatirizi Drogba asigaye ashirwa mu basubirira abo vyanse. Urugero rwiwe mur’ ico gikombe c’Afrika ntirushemeye na gato ku musatirizi yari azwi nka Drogba, biboneka rero kandi ko atakaryo k’ugutera imbere afise mu mwaka w’ 2013.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.