Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
DRC: Runiga yakuwe ku burongozi bwa M23 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > DRC: Runiga yakuwe ku burongozi bwa M23

DRC: Runiga yakuwe ku burongozi bwa M23

vendredi 1er Ntwarante 2013

Umuhari urwanya Leta muri Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo, M23 wirukanye uwurongoye igisata ca politike cawo, Jean Marie Runiga.

Mw’itangazo ryasohowe, uwo muhari wa M23 wagiriza Runiga kuba yarawuhemukiye.
Ngo yazanye amacakubiri mu ngabo zabo, azana General Bosco Ntaganda, uwo bise ubwa mbere umwansi wabo, mu gace bigaruriye, amuha amafaranga yo gushira abantu mu gisirikare ciwe.

JPEG - 30 ko

Jean Marie Runiga bamwagiriza kandi kuba ataragaragaje ubushobozi bwo kurongora umuhari M23.

M23 ivuga ko ivyo vyose Jean Marie Runiga atabihakana.
Ubu rero Jean Marie Runiga yabaye arasubirizwa vy’agateganyo na General de brigade Sultan Makenga yari asanzwe ari icegera ciwe mu rwego rwa politike.
Ariko uruhande rushigikiye Runiga ruvuga ko ahubwo Makenga ariwe yakuwe ku burongozi bw’ingabo.

Ngo ingingo yo gukuraho Runiga, Makenga yayifashe wenyene.
Colonel Seraphin Mirindi uvuga ko ariwe muvugizi mushasha wa M23 avuga ko bagiriza General Makenga kutayobora neza ingabo no kunyuruza amatungo y’umuhari wabo.

Colonel Mirindi avuga kandi ko bagiriza Makenga kugiriranira amasezerano na Leta ya Congo atagishije inama bagenzi we.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.