Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
DUBAI : Huguruwe ikibuga c’indege gishasha gishobora kuba ari kinini kw’isi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > DUBAI : Huguruwe ikibuga c’indege gishasha gishobora kuba ari kinini kw’isi (...)

DUBAI : Huguruwe ikibuga c’indege gishasha gishobora kuba ari kinini kw’isi yose

lundi 28 Gitugutu 2013

Ikibuga c’indege gishasha citiriwe « Al Makkoum » caraye cuguruwe icese, ikibuga c’indege gishobora kuba ari kinini kw’isi yose. Mu mwaka w’2025 kikaba kizoshobora kwakira ingenzi zigera ku miriyoni 160 ku mwaka. Aho ni mu gisagara ca Dubai, mu kigo c’abarahu, igisagara kigenderwa n’ingenzi zo kw’isi yose n’abarundi barimwo.

Ubu ico kibuga c’indege cakira ingenzi zigera ku miriyoni 5 gusa ku mwaka, kikaba cuguruwe ku munsi w’ejo kuw’Imana, igenerekezo rya 27 Gitugutu 2013.
Ingenzi za mbere zahonyoje ikirenge kuri ico kibuga c’indege kiri mu bugararwa hagati baje bava i Budapest bazanywe na kompanyi y’indege Low-cost Wizz air.

Paul Griffiths, umuyobozi mukuru w’ibibuga vy’indege i Dubai, amenyesha ko igenekerezo rya 8 Kigarama ariho biteguwe ko Gulf Air izokoresha umurongo wa Al Maktkoum, atari ikibuga c’indege mpuzamakungu ca Dubai cari gisanzwe gihari.
Ico kibuga c’indege gishasha kikaba kiri ku metero 50 mu bumanuko bwo hagati y’igisagara ca Dubayi. Kubw’abacubatse, cubatswe mu buryo budasanzwe bwitiriwe « Dubai World central » bugera ku birometero kwadarato 140, ushizemwo n’ahazobikwa ibintu, ahagenewe guhagarara indege, aho badandariza n’aho abantu borara, eka mbere harimwo n’aho gukinira imikino yo kwinonora imitsi itandukanye nka Golf.

Ikibuga c’indege mpuzamakungu c’i Dubayi cari gisanzwe gihari, kiri ku birometero 20 uvuye mu gisagara ca Dubayi.
Mwokwibuka ko igisagara ca Dubayi, ari ihuriro ry’abatari bake baza bavuye mu mihingo yose y’isi harimwo n’Uburundi.


Mariella Bukuru

Messages

  • Mwoba mwarabuze umuntu azi gutandukakya «ki» na «gi»?
    Mwanditse ngo:«Ico kibuga c’indege gishasha kikaba kiri ku metero 50 mu bumanuko bwo hagati y’igisagara ca Dubayi».Ivyo vyoba bishoboka?Gerageza muze murasaba babafashe gusoma imbere yo kuturungikira amakuru!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.