Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Dzhokhar Tsarnaev arindiriye guhatwa ibibazo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Dzhokhar Tsarnaev arindiriye guhatwa ibibazo

Dzhokhar Tsarnaev arindiriye guhatwa ibibazo

dimanche 21 Ndamukiza 2013

Dzhokhar Tsarnaev, umusore w’imyaka 19, yafatiwe aho yari yinyegeje i Watertown yakomeretse cane. Ubu akaba ari mu bitaro aho acunzwe n’abafise ibirwanisho.

Buramatari wa Massachusetts, Deval Patrick avuga ko nyene kuregwa n’ubwo bimaze kwizerwa ko ashobora kurokoka, atarashobora kuvuga.
Mukuruwe Tamerlan, yapfuye inyuma yo kurasana n’aba polisi.
Abantu batatu barapfuye abandi barenga 170 barakomereka kubera ibisasu vyatezwe i Boston ku munsi wa mbere. Umupolisi Sean Collier yapfuye ku munsi wa kane azize guhiga abo basore, hari n’uwundi mupolisi w’umushoferi yakomeretse cane.

Kuwa gatandatu, perezida Obama yakoranije abahanuzi biwe mu bijanye n’umutekano kugira bihweze ivyabaye i Boston.
Umukuru w’igihugu Barack Obama yijeje ko bazorondera inyishu ku kibazo co kumenya impamvu abo basore bateze ivyo bisasu, n’uko boba bafise abo bafadikanije.

JPEG - 26.4 ko
Ibitaro vya Beth Israel Deaconess Center, aho Dzhokhar Tsarnaev arwariye

Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.