Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Dzhokhar Tsarnaev yatawe muri yompi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Dzhokhar Tsarnaev yatawe muri yompi

Dzhokhar Tsarnaev yatawe muri yompi

samedi 20 Ndamukiza 2013

Igipolisi kivuga ko carasanye na Dzhokhar Tsarnaev , umusore w’imyaka 19, kimaze kumubona i Watertown hafi ya Boston.

Bikekwa ko yakomeretse mu kurasana n’igipolisi igihe vyahitana ubuzima bwa mukuruwe yakekwa ko bafatanije icaha.
Abantu batatu barapfuye abandi barenga 170 barakomereka kuber’ibisasu vyatezwe Boston ku munsi wa mbere.

JPEG - 29.8 ko
Abapolisi bavuye Lincorn street bamaze gufata Dzhokhar Tsarnaev

Mu kiganiro yahaye abanyamakuru n’ijoro, Perezida Barack Obama yavuze ko bariko barondera inyishu ku kibazo co kumenya impamvu abo basore bateze ivyo bisasu, n’uko boba bafise abo bafatanije.

Ivyo yabimenyesheje mu gihe igipolisi cari kimaze kubwira abanyamakuru ko nyene gufatwa ariko aravurirwa mu bitaro vy’iMassachusetts Igipolisi cavuze ko Dzhokhar Tsarnaev yatakaje amaraso menshi kandi ko yakomerekejwe n’amasasu kw’izosi no ku kuguru.

Bamenye aho yihishe hashize isaha imwe gusa, umukwabu wari washizwe ku gice kinini c’uwo muji uvanyweho, abantu basubira gutembera.
Abapolisi bamurangiwe n’umuntu aba kw’ibarabara rya Franklin street mu muji wa Watertown.

Bamaze nk’isaha yose barasana nawe imbere yo kwegera bakamufata.
Abantu bahegereye bakomye amashi igihe yari ajanywe mu gasho.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.