Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuganga yanduye umugera wa Ebola muri Reta zunze ubumwe za (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umuganga yanduye umugera wa Ebola muri Reta zunze ubumwe za (...)

Umuganga yanduye umugera wa Ebola muri Reta zunze ubumwe za Amerika

lundi 13 Gitugutu 2014

Umuganga (une soignante) yavura wa murwayi yitaba Imana mw’iyinga riheze i Texas, yanduye umugera Ebola. Abaye umuntu wa kabiri yanduye umugera wa Ebola atari ku butaka bwa Afrika.

Abategetsi muvy’amagara y’abantu muri Amerika bemeje ku munsi w’Imana ko umuganga yakorera ku bitaro biri i Texas, aho wa munya Liberia yicwa n’ico kiza yapfiriye, abaye uwam bere yanduye umugera Ebola muri Reta zunze ubumwe za Amerika. Bakavuga ko habaye ukudakurikiza neza ingingo mu bijanye no kwikingira kwandura uwo mugera.

Iyo nkuru ko hari uwundi yanduye, yavyuye ubwoba mu bijanye n’ubushozi ibihugu bifise mu gutuza ikiza gikomeye c’umugera Ebola muri Afrika y’Uburengero guhera mu mwaka w’1976, aho uwo mugera watowe, hamwe n’ingingo zafashwe zo kwikingira.

Ebola imaze kwica abantu bashika 4033 ku bantu 7 399 bapimwe mu bihugu 7, cane cane muri Guinée, Sierra Leone na Liberia, ariko kandi no muri Nigeria, Sénégal, Espagne na Reta zunze ubumwe za Amerika, nk’uko ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu (OMS) ryabishikirije kw’igenekerezo rya 8 Gitugutu. Nta rucanco canke umuti uraboneka wo kurwanya ico kiza, candukira biciye mu biseseka biva mu mubiri (les fluides corporels) iyo umurwayi yamaze kugaragaza ibimenyetso vy’ubushuhe, kudahwa, ububabare no gucika intege.


Nadège Irakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.