Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ECONET yazanye GWIZA, ubundi buryo bwo kugura ama unités - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > ECONET yazanye GWIZA, ubundi buryo bwo kugura ama unités

ECONET yazanye GWIZA, ubundi buryo bwo kugura ama unités

jeudi 26 Ruheshi 2014

Bivanye n’ivyipfuzo vy’abanywanyi, ishirahamwe ECONET ryatanguje GWIZA, ubuhinga bushasha bwo kugura ama unités ku banywanyi ba ECONET, bivanye n’uburyo bwabo uko bungana kwose. Uwuguze ama unités mu buhinga GWIZA aca aronka akunguko kangana n’ayo azoba aguze ijana kw’ijana (Bonus 100%

Mu kiganiro Cyrille Nibigira, umuyobozi ajejwe ubudandji mw’ishirahamwe ECONET yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, yasiguye akunguko abanywanyi ba ECONET n’abadandaza bazokoresha ubuhinga GWIZA bazoronka. Ubwo buhinga buzopfunyiriza urugendo abadandaza kuko bazorangura ama unités ya GWIZA batarinze kuva aho badandariza. Ubwo buryo buzokwizwa mu Burundi bwose buzotorera inyishu ibibazo vy’amakarata yahora atakara, canke agaharuka nabi akononekara, canke hakaba ubusuma. Reta izohatorera akoyokwe kuko amafaranga y’agaciro yahora akoreshwa mu kugura amakarata mu makungu azogabanuka.

JPEG - 1.7 Mo
Cyrille Nibigira, umuyobozi ajejwe ubudandaji mw’ishirahamwe ECONET

Mu buyobozi bujejwe ubudandaji mw’ishirahamwe ECONET bamenyesha ko "GWIZA" idasubirira uburyo bwo kugurisha amakarata bwari buhasanzwe, ahubwo buje kwiyongerako. Ubwo buhinga GWIZA bwo kugura ama unités angana n’uburyo bw’umuguzi buzokoreshwa hagati y’uwudandaza ama unités n’uwukeneye kuyagura, mu gihe ubundi buhinga bwo guhanahana ama unités bwari buhasanzwe (Transfert) bwahora ari ubwo kuyahanahana hagati y’abavyishakiye. Kuri ubwo buhinga bushasha, akunguko ni ku mpande zompi, kuko uwuguze azoshobora kuronka ama unités akwiranye n’uburyo afise uko bungana kwose, yongere aronke akunguko (bonus) k’ijana kw’ijana kuyo azoba aguze. Ako kunguko (bonus) k’ijana kw’ijana kazoba gashobora gukoreshwa kagaherana n’iminsi itatu gusa.
Umudandaza nawe azoronka agahembo k’uko azoba ariko adandariza ama unités ishirahamwe ECONET.

Mw’ishirahamwe ECONET baboneyeho n’akaryo ko kwibutsa abanywanyi babo ko bokwandikisha amakarata SIM, kuko inyuma y’ikiringo catanzwe, amakarata SIM atazoba arandikwa azoca yugarwa. Tubibutse ko ubushikiranganji bw’ugutumatumanako amakuru bwongereje ikiringo c’ukwandikisha amakarata SIM. Ico kiringo cakuwe ku genekerezo rya 30 Ruheshi 2014, gishirwa ku genekerezo rya 15 Mukakaro 2014.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.