Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Eden Hazard mu bakinyi 23 bazotorwamwo uwuronka umupira w’inzahabu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Eden Hazard mu bakinyi 23 bazotorwamwo uwuronka umupira w’inzahabu

Eden Hazard mu bakinyi 23 bazotorwamwo uwuronka umupira w’inzahabu

mardi 29 Gitugutu 2013

Eden Hazard ahejeje yagiye mu rutonde rw’abazotorwamwo uwuzohabwa agashimwe k’umupira w’inzahabu. Inkuru dukesha ikinyamakuru co mu Bufaransa candika ku bijanye n’umupira w’amaguru « France Football »,ikinyamakuru gitanga ako gashimwe. Eden Hazard abaye, kuva mu 2002, umubirigi wa mbere ashoboye kuja mu rutonde rw’abatorwamwo uwuhabwa ako gashimwe.

JPEG - 26.9 ko
Eden Hazard

Ikinyamakuru c’Ubufaransa kivuga ivy’umupira w’amaguru (France Football) cutanga urutonde rw’abakinyi 23 bahiganirwa kuronka umupira w ‘inzahabu uzotangwa muri Nzero 2014 i Zurich. Muri urwo rutonde habonetsemwo Eden Hazard, umukinyi wo muri Chelsea akomoka mu Bubirigi. Duhereye mu mwaka 2002, uyu abaye umukinyi wa mbere yamuka mu Bubirigi ashoboye kuja muri urwo rutonde rw’abakinyi batorwamwo uwuhabwa agashimwe k’umupira w’inzahabu.

Umukinyi w’umubirigi, Eden Hazard afise imyaka 22, akaba agiye kurutonde rurikira :

Bale (Real/Pays de Galles), Cavani (PSG/Uruguay), Falcao (Monaco/Colombie), Hazard (Chelsea/Belgique), Ibrahimovic (PSG/Suède), Iniesta (Barcelone/Espagne), Lahm (Bayern/Allemagne), Lewandowski (Dortmund/Pologne), Messi (Barcelone/Argentine), Müller (Bayern/Allemagne), Neymar (Barcelone/Brésil), Neuer (Bayern/Allemagne), Ozil (Arsenal/ Allemagne), Pirlo (Juventus/Italie), Ribéry (Bayern/France), Robben (Bayern/Pays-Bas), Cristiano Ronaldo (Real/Portugal), Schweinsteiger (Bayern/Allemagne), Suarez (Liverpool/Uruguay), Thiago Silva (PSG/Brésil), Yaya Touré (Manchester City/Côte d’Ivoire), Van Persie (Manchester United/Pays-Bas), Xavi (Barcelone/Espagne).

Hasohotse n’urutonde rw’abamenyereza cumi ba mbere b’uyu mwaka. Abo nabo ni aba bakurikira : Ancelotti (PSG ubu amenyereza Real), Benitez (Chelsea ubu amenyereza Naples), Conte (Juventus), Del Bosque (Espagne), Ferguson (Manchester United ubu yakukurutse), Heynckes (Bayern ubu yakukurutse), Klopp (Dortmund), Mourinho (Real ubu amenyereza Chelsea), Scolari (Brésil) et Wenger (Arsenal).


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.