Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Egypte: Abapolisi batatu n’abasirikare bane bakuwe i Sinai. - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Egypte: Abapolisi batatu n’abasirikare bane bakuwe i Sinai.

Egypte: Abapolisi batatu n’abasirikare bane bakuwe i Sinai.

jeudi 16 Rusama 2013

Umukuru w’igihugu ca Egiputa Mohamed Morsi yagiranye inama yihuta n’abashikiranganji babiri, uw’umutekano hamwe nuw’intwaro yo hagati mu gihugu kugira batorere inyishu ikibazo co gukura abapolisi batatu n’abasirikare bane muri Sinayi.

Amakuru yo kwizera atumenyesha ko ari abarwanyi baba jihadistes bakoze ico gikorwa mu ntumbero y’’ukubaguza n’aba isiramu baturuka i sinayi bafungiwe muri Egiputa.

Mu buraruko ku rubibe Gaza ihana na Egiputa, hasanzwe hakunda kwibonekeza umurwi w’abagizi ba nabi baharurwa mw’ijana ugisibije, kandi ntivyorohera abasanzwe baca muri ako karere. I Gaza rero niho hazananye abarwanyi baba Jihadistes bishe abasirikare ba Egiputa 16 umwaka nturarangira.

Urubibe ruri ku birometero birenga gato amajana abiri uja muri Israel narwo kandi ntirucungerewe bikwiye biturutse ku basirikare badakwiye. Mu masezerano y’amahoro ari hagati y’ivyo bihugu bibiri, arekurira abasirikare 2000 ba Egiputa gucunga umutekano ku rubibe.

Amamisile yaratewe mu gisagara ca Israel avuye i Sinayi ataco babahora. I sinayi rero hasa n’ahahindutse urubuga rw’imyimenyerezo y’abarwanyi baba Jihadistes bo muri Egiputa n’abanyamahanga.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.