Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Egypte: Abashigikiye Mohamed Morsi bagize imyiyerekano yo kumushigikira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Egypte: Abashigikiye Mohamed Morsi bagize imyiyerekano yo kumushigikira

Egypte: Abashigikiye Mohamed Morsi bagize imyiyerekano yo kumushigikira

samedi 16 Ruhuhuma 2013

Abantu ibihumbi n’ibihumbi baragize imyiyerekano i Kayiro k’umugwa mukuru wa misiri kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2013 kugirango bashire ahabona ihohoterwa ryabaye igihe abadashigikiye Morsi batana mu mitwe n’abapolisi haraheze indwi zikeya.

Umugambwe wishinze kwubaka igihugu n’iterambere,igisata ca politike c’umugwi GamaaIslamiya watumyeko iryo huriro wisunze icivugo« Twese hamwe turwanye ihohoterwa»,ryagiriza abatavuga rumwe na Reta ko bakoze ibikorwa vyo guhungabanya agateka ka zina muntu.

JPEG - 13 ko

Nk’uko bitangazwa n’ikinyamakuru JeuneAfrique,Hamdi Ramadan yavuze ko abatavuga rumwe na Reta ya Morsi bakoze ibikorwa vyo gusinzikaza agateka ka zina muntu,bahamagarira kandi abanyagihugu kwanka Morsi.

Mohammed Abdel Dayem yamenyesheje ko,kuba abatavuga rumwe na Reta basaba ko Morsi ava k’ubutegetsi bazotuma igihugu gisambuka.

Abagize imyiyamamazo basavye irekurwa ry’impumyi cheikh Omar Abdel Rahman apfungiwe mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika yagirizwa ko yagize uruhara mu bitero vyabereye kuri World Trade Center.

Mwomenya ko mu mezi aheze imishamirano hagati y’abapolisi n’abatavuga rumwe na Reta ya Morsi basaba ko hoba ibihunduka muri politike n’imibano,bamwagiriza ko yahemutse kuvyo bari bumvikanye ko azokora kuva Hosni Moubarak akuwe k’ubutegetsi muri Ruhuhuma umwaka w’2011.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.