Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Egypte : Hosni Moubarak n’abahungu biwe baciriwe urubanza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Egypte : Hosni Moubarak n’abahungu biwe baciriwe urubanza

Egypte : Hosni Moubarak n’abahungu biwe baciriwe urubanza

mercredi 21 Rusama 2014

Hosni Moubarak yahoze arongoye igihugu ca Egypte yaciriwe imyaka itatu y’umunyororo na sentare mpanavyaha, kubw’ivyaha vy’isesagura n’ubunyonyezi w’ubutunzi bw’igihugu yagirijwe.

Amakuru ava mu gihugu ca Egypte amenyesha ko sentare mpanavyaha yo mu gisaraga ca Kayiro yaciriye umunyororo w’imyaka itatu Hosni Moubarak kubw’ivyaha yagirizwa vy’isesagurwa n’ubunyonyezi bw’ubutunzi bw’igihugu yakoze, ubutunzi bungana n’amafaranga y’amanyaburaya agera ku miriyoni cumi na zitatu. Abahungu biwe nabo babiri aribo Alaa na Gamal bakaba baciriwe imyaka ine bugaranywe ahantu ha bonyene.

Sentare mpanavyaha yabaciye urubanza ivuga ko Moubarak n’abahungu biwe bagirizwa isesagurwa ry’imiriyoni 13 z’amafaranga y’amanyaburaya yari yagenewe gukoreshwa ku kirimba vy’umukuru w’igihugu hagati y’umwaka w’2002 n’2011. Ayo mafaranga bakaba bayashize mu mifuko yabo mu kwubaka inyubakwa atari iza Reta.

Mwomenya ko Alaa na Gamal, abahungu ba Hosni Moubarak bubaye ubwa mbere bacirwa umunyororo w’agasho ka bonyene. Se wabo nawe, akaba yari amaze gucirwa imyaka 25 y’agasho na sentare mpanavyaha kubw’icaha c’urupfu rw’abariko bagira imyerekano mu migumuko yabaye igenekerezo rya 25 Nzero i Tahrir. Inyuma y’amezi make aciriwe urwo rubanza, sentare gasamburamanza yaciye irutanguza gushasha, ari naho Hosni yaciye aba araronka umwigegemvyo vy’agategekanyo. Ubu akaba ari ku bitaro vy’igisirikare vy’i Meadi mu gisagara ca Kayiro.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.