Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Egypte: Igisirikare kiriteguye gusesa amaraso mu kurwanira abanyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Egypte: Igisirikare kiriteguye gusesa amaraso mu kurwanira abanyagihugu

Egypte: Igisirikare kiriteguye gusesa amaraso mu kurwanira abanyagihugu

mercredi 3 Mukakaro 2013

Inyuma y’umwaka umwe gusa umukuru w’igihugu ca Egypte Morsi agiye ku butegetsi, n’ubu abanyagihugu babandanya bamwiyamiriza ngo ahave.

Muri iri joro, Egypte yarangwa no kwicana no guhohoterana aho ni mugihe Morsi yanse kwemera ivyo igisirikare camubwiye inyuma yo kubitangaza mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri aho yamenyesheje ko ata muntu n’umwe afise ububasha bwo kwishira mu kibanza c’urutonde rusanzwe rwemewe n’amategeko, kandi ko ahubwo agiye kubandanya igikorwa co kurongora igihugu yahawe biciye mu ntwaro rusangi.

Mu masaha make gusa, kugira ivyo yari yasabwe n’igisirikare hamwe n’abanyagihugu aho bamuhaye amasaha 48 gusa ngo azobe yavuye ku butegetsi, ku muhingamo wo kuri uno wa kabiri, aho igisirikare coco kivuga ko ciyemeje gusesa amaraso mu gihe cipfuza kurwanirira abanyagihigu bo muri Egypte, ubu rero imishamirano hagati y’abashigikiye Morsi hamwe n’abashigikiye igisirikare n’abanyagihugu ikaba yatanguye ku murwa mukuru w’ igihugu ca Egypte. Abantu bashika kuri 16 akaba ari bo bishwe, abandi 200 barakomeretse ku kigo ca kaminuza c’Ikayiro, aho hari hakoraniye abntu isinzi bashigikiye umukuru w’igihugu asanzwe ava mu ba islamu.

Bumaze kwira muri karitiye ya Gizeh, imishamirano yarabandanije hagati y’abashigikiye Morsi n’abatavuga rumwe nawe, aho hakaba hapfuye abantu bagera kuri ndwi abandi cumi barakomereka. Iyindi mishamirano irabandanya muri Alexandrie hamwe no mu gisagara ca kaliouba mu Buraruko bw’umurwa mukuru wa Egypte. Alexandrie, abasirikre bakaba baciye bahashika n’ingoga kugira batandukanye izo mpande uko ari zibiri. Aha rero twobibutsa ko Morsi yari umukuru w’igihugu wa 1 yatowe n’abanyagihugu muri kahise k’ico gihugu.

Mohamed Morsi, kuva agiye ku butegetsi igenekerezo rya 30 ruheshi 2012, mohamed morsi yavuze ko habayeho gufata ubutegetsi udaciye mu nzira y’intwaro rusangi ni ukuvuga amatora yojana igihugu ca Egypte mu manga iteye ubwoba.
Mw’itangazo bise amasaha ya nyuma, inama nkuru y’abasirikare bashikirije ko biteguye gusesa amaraso kugira barwanire igihugu ca Egypte hamwe n’abanyagihugu baco.


floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.