Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Egypte : Imishamirano hagati y’ igipolisi n’abagira imyiyerekano ku kirimba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Egypte : Imishamirano hagati y’ igipolisi n’abagira imyiyerekano ku kirimba (...)

Egypte : Imishamirano hagati y’ igipolisi n’abagira imyiyerekano ku kirimba ca prezida

samedi 2 Ruhuhuma 2013

Igipolisi caragerageje gushwiragiza abariko baragira imyiyerekano imbere y’ikirimba c’umukuru w’igihugu abo nabo basaba ko umukuru w’ico gihugu Mohamed Morsi ava ku butegetsi.Imigumuko yabaye ikaba yatumye abantu batari bake bakomereka.

JPEG - 24.6 ko

Mwitangazo ryiwe umukuru w’igihugu ca Egypte yari yamenyesheje ko igipolisi kizofata ingingo zikomeye kugirango inyubakwa z’igihugu zikingigwe, kuko abo bagira imyiyerekano hari n’aho batera amabuye ku nyubakwa zitandukanye.Yaranavuze kandi yuko abanyepolitike bazomenyekana ko bari inyuma y’iyo migumuko bazobibazwa.

Ivyo vyabaye abanyepolitike bari bumvikanye ko atavyo kwonona bizosubvira kuba muri iyo myiyerekano inyuma yaho hapfiriye abantu bagera kuri 56 mu ndwi imwe gusa mu migumuko yari yagizwe n’abiyamiriza perezida Morsi.

Ariko abitavye akamo batewe n’urunani FSN ruhurikiye mwo abatavuga rumwe na Leta y’ico gihugu, bakaba barateye amabuye, ibiti n’ivyo bashoboye kuronka vyose ku kirimba c’umukuru w’igihugu abapolisi nabo bakaba baciye babateramwo ivyotsi bikoroza amosozi n’amazi.

Muri iyo myiyerekano yabo baguma baturira ama pine y’imiduga bihereza akamo bati : « abanyagihugu bashaka ko ubutegetsi buvaho.» Ico civugo nyene akaba ari naco cakoreshejwe mu myiyerekano yo kwiyamirisa Perezida Hosni Moubarak, uwo nawe akaba yaratevye aremera kuva ku butehetsi.

Abo bagira imyirerekano rero ngo bakaba bemeza ko badashobora kuva imberre y’ikirimba c’umukuru w ‘igihugu Morsi atemeye kuva ku butegetsi. Muri iyo migumuko rero harakomeretse abantu batari bake, umushikiranganji w’amagara y’abantu yamenyesheje ko hakomeretse abantu 18, uw’umutekano nawe akaba yamenyesheje ko abapolisi 5 bakomerekeye muri iyo migumuko.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu bikaba vyamenyesheje ko abo bagira imyiyerekano bariko barondera gusambura umuryango winjira mu nzu ikoreramwo umukuru w’igihugu, kandi bakaba basaba abatavuga rumwe na Leta ko bobuza abanywanyi babo kubandanya ibikorwa nk’ivyo, bongere bababuze kwegera ikirimba c’umukuru w’igihugu , ariko urunani FSN rukaba ruvuga ko ataruhara rufise muri iyo migumuko.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.