Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Egypte : Itanga imihoho rya Reta riranegurwa n’abegereye ubutegetsi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Egypte : Itanga imihoho rya Reta riranegurwa n’abegereye ubutegetsi

Egypte : Itanga imihoho rya Reta riranegurwa n’abegereye ubutegetsi

mardi 25 Ruhuhuma 2014

Ugutanga imihoho kw’abagize Reta yose ya Egypte ngo siwo muti ku bibazo bihanze ico gihugu vy’umutekano, nk’uko bimenyeshwa na bamwe mu begereye umukuru w’ico gihugu Adly Mansour.

Inyuma yaho mw’itangazo ryasohowe ku muhingamo wo kuri uyu wa ka mbere wa 24 Ruhuhuma, inyuma y’inama yihuta yamaze iminota 15 yari yakoranije abashikiranganji bagize Reta harimwo n’umushikiranganji wo kwivuna abansi maréchal Abdel Fattah al-Sissi, umushikiranganji wa mbere Hazem Beblawi yamenyesheje ko batanze imihoho ku mugaragaro.

Iryo tangazo rikaba ryasohotse mu gihe hari hasigaye amezi abiri kugira habe amatora y’umukuru w’igihugu, yobaye hagati z’ukwezi kwa Ndamukiza. Umushikiranganji w’umutekano Abdel Fattah al-Sissi afise ipete rya marechal mu gisirikare, akaba n’icegera c’umushikiranganji wa mbere, ntiyahishije ko yoba ashaka kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu. Ivyo navyo bikaba vyoshoboka abanje gutanga imihoho canke abanze guhagarika ivya gisirikare.

Imbere y’uko iryo tangazo rishoka, umushikiranganji wa mbere Hazem el-Beblawi yari yatowe inyuma yitembagazwa rya Mahamed Morsi, yari yaramenyesheje ko atanze imihoho mu nama yari yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru. Belblawi akavuga ko Reta ya Egypte itigeze ihengeshanya gukora ivyo yategerezwa gukora, mu kiringo c’amezi ashika kuri indwi, yongera irakora ibishoboka mu kugarukana umutekano mu gihugu hakoreshejwe inguvu za gisirikare n’igiporisi.

Kubibaza ko abo bashikiranganji boba batanze imihoho ku bw’inyungu zabo, Beblawi avuga ko atarivyo, bariko bashira imbere umutekano w’igihugu. Agashima ahubwo inama idasanzwe yari yatunganijwe mu kwezi kwa Nzero, yatumye hatorwa itegeko rituma haba ikiringo c’imfatakibanza. Abagereye umukuru w’igihugu rero bakaba banegura bivuye inyuma ingendo y’abo bashikiranganji, kuko ivyo bibaz bavuga ko bari kuja hamwe bakabitorera umuti.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.