Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Egypte: ivyatumye ubutegetsi bwa Morsi butembagazwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Egypte: ivyatumye ubutegetsi bwa Morsi butembagazwa

Egypte: ivyatumye ubutegetsi bwa Morsi butembagazwa

jeudi 4 Mukakaro 2013

Ivyatumye umukuru w’igihugu ca Egypte Mohamed MORSI kimwe ngo nuko muvyerekeye ubutunzi bitari vyifashe neza na gato,ubusumbasumbane ukuntu abantu babayeho vyaguma vyiyongera abakene baguma bakena abatunzi nabo baguma batunga.Umwaka umwe gusa perezida Morsi ari ku butegetsi ,ubutegetsi bwiwe bwari bumeze nabi cane ku buryo igisirikare n’abanyagihugu bahavuye babutembagaza .

Igisirikare carirengagije ibwirizwa shingiro hama kiratembagaza ubutegetsi bwa Mohamed morsi kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 3 mukakaro mw’ijoro.Akaruru k’umunezero hamwe n avyabisasu baturitsa kubera umunezero twita feux d’artifice nivyo vyarangwa mu gisagara ca Egypte berekana ko bashigikiye iyo ngingo y’igisoda aho uwo musi usozereye imisi myinshi hari imyiyerekano mu mabarabara y’i kayiro.Abo bari barongoye igihugu ca Egypte umwaka wose urenga unp musi bari mu kangaratete ,bamwe mu ndongozi bakaba barafashwe.Ngo mu bisagara vyaho muri Egypte ,igihugu kirangwa n’ingorane nyishi kuibwa bo bategetsi vyari vyanananiye ko bafasha gutorera iinyishu ingorane z’ubutunzi zarangwa ngaho .

Imbere yuko ubutegetsi bwo kwa Morsi butembagazwa ,umuubabaro wari mwinshi ku buryo bicuza ko hari gupfuma haba intwaro ya moubarak.Inyuma y’amezi atatu gusa aho ibice 78 kw’ijana vyari bishigikiye intwaro yiwe,ibintu vyagiye biba nabi .

Ivyiyumviro vyagiye biregeranywa mu mpera z’ukwezi kwa rusama ,n’ikigo ca Egypte kijejwe kwegeranya ivyiyumviro vy’abanyagihugu(baseera),abashima ibikorwa yoba akora bashika ku bice 42 gusa.Morsi rero n’abavukanyi ba ba islamu vyarabananiye kugira ico bahindura ivyo bivugwa na Ashraf al-Sherif ,umwigisha mu vya poritike muri kaminuza ya leta zunzubumwe za Amerika yi kayiro..Mu majambo make Morsi vyaramunaniye kuzana ihinduka nk’uko yari yavyiyemeje igihe agiye ku butegetsi nta hangiro na rimwe yari yihaye yashitseko ,ngo yasubiramwo poritike y’uwahoze arongoye ico gihugu gusa ngo yabikora mu bundi buryo gusa.

Ku vyerekeye imibano n’ubutunzi ,ingorane ziracari nyishi cane .Mu kwezi kwa 5 ,ibinrtu vyari vyaduze gushika ku rugero rw’ibice 9 kw’ijana .

Mu gice ca mbere c’umwaka wa 2013,ibice vy’ubushomeri vyari ku 13,2 kw’ijana ugereranije n’ibice 12,6 vyo mu mwaka uheze.

Mu vyerekeye ubutungane bw’abanyagihugu,kimwe muri bikuru bikuru vyari vyasabwe mu vyohindurwa ,mu gihugu aho ibice 25 kw’ijana b’abanyagihugu baba mu bukene butagira izina ntivyigeze biba ivyoshirwa imbere n’umukuru w’igihugu prezida Morsi .


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.