Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Egypte : Ni ikihe kibanza caba islamu muri Leta igiye gutorwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Egypte : Ni ikihe kibanza caba islamu muri Leta igiye gutorwa (...)

Egypte : Ni ikihe kibanza caba islamu muri Leta igiye gutorwa ?

vendredi 12 Mukakaro 2013

Kuva aho atorewe na Adly Mansour, umukuru w’igihugu mfatakibanza mu gihugu ca Egiputa, umushikiranganji wa mbere el-Beblaoui aracabandanya arondera gushinga Leta mfatakibanza. Mu gihe batumvikanye mu biganiro, yipfuza guheza gushinga umurwi wiwe imbere y’uko iyinga rigiye kuza ritangura.

Adly Mansour

Ariko ku munsi wa gatatu, ntavyo kugena vyahabaye. Ibiganiro vyo kugarukana umwumvikano bikaba bibandanya kuba. Hazem el-Beblaoui, yize ivy’ubutunzi, akaba yahoze ari n’umushikiranganji w’ubutunzi, yashinzwe gushinga urwego mfatakibanza, yasiguye ko yabonanye n’abatoza batandukanye. Uwo mushikiranganji mushasha avuga ko ashaka gushira imbere ababishoboye. Akipfuza ko abashikiranganji biwe boserukira inzego zitandukanye za politike.

Hazem el-Beblaoui

Ikibazo kiriko kiribazwa na benshi ubu ni iki :« Abahurikiye mu muryango w’aba islamu, bo bazoshobora kuja muri izo nzego nshasha ziriko ziratorwa ? » Hazem el-Beblaoui, yamenyesheje kuri uyu wa kane, igekerezo rya 11 Mukakaro ko ata n’umwe bokuramwo. Ariko, inyuma y’aho umushikirizamanza mukuru asohoreye imitahe yo guhagarika abategetsi bakuru bo mub’islamu, kuri uyu wa gatatu urangiye, mu ntumbero yo kugira iperereza ry’ubwicanyi bwabaye kw’igenekerezo rya 8 Mukakaro 2013, imbere y’icicaro gicungera aba republicain, ibiganiro ntivyoroshe ubu.

Ikindi naco, abategetsi bari ku ntwaro mfatakibanza bugaje imboneshakure z’aba islamu. Baca bagumya kandi Mohamed Morsi mu kibanza kinyegejwe, kugira bacungere ubuzima bwiwe. Mwomenya ko mu bantu bashika 500 bari bagize imyiyerekano bafashwe mu gitondo co kuri uyu wa mbere, 200 muribo baramaze gucirwa urwo gupfa.

Ubu agashavu kakaba kaniga kuba islamu bo muri Egiputa, bagiriza abategetsi bashasha hamwe n’igisirikare kubahohotera ubuzima bwabo, no gushaka kubigiza kure ngo ntibaje muvya politike.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.