Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Egypte : Umukuru w’igihugu Morsi ntiyorohewe muri uyu mwaka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Egypte : Umukuru w’igihugu Morsi ntiyorohewe muri uyu mwaka

Egypte : Umukuru w’igihugu Morsi ntiyorohewe muri uyu mwaka

mardi 2 Mukakaro 2013

Umukuru w’igihugu ca Egypte Mohamed Morsi ariko aca mu bihe bigoye vya mbere kuva agiye ku butegetsi. Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Egypte vyariyamirije mw’itangazo vyasohoye mw’ijoro ryo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 1 Mukakaro uguhitishwamwo kw’igisoda kiri ku mutwe wa Leta y’aba isilamu, aho ico gisirikare camuhaye amasaha 48 gusa kugira ashitse ivyo abanyagihugu basaba.

Mw’itangazo batanze, ubutegetsi bwa Egypte bumenyesha ko iryo tangazo ry’izo ngabo ko umukuru w ‘igihugu yokwishura vyihutirwa ivyo abanyagihugu basavye atigeze abona iryo kete imbere y’uko barisohora hose kandi ngo ryoba rifise ndetse ibimenyetso bishobora gutera kuzazanirwa. Ubwo butegetsi bukaba buvuga ko n’ubu bigihagaze ku ngingo yo kubandanya mu nzira vyari vyatoye kugira banywanishe abanyagihugu bose muri rusangi.

Abayoboye ico gisirikare bari bamenyesheje mu butumwa batanze ku mboneshakure ko igenekerezo rya 1 Mukakaro ariryo sango ntabanduka kugira ivyo abanyagihugu basavye bishirwe mu ngiro ahandi rero igisirikare kizoca gishira ahabona ingingo ngenderwako.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.