IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ekereziya Gatorika : Ivyavuzwe na RPA nivyo mu gihe hatotangwa abandi bishe (...)

Ekereziya Gatorika : Ivyavuzwe na RPA nivyo mu gihe hatotangwa abandi bishe ababikira

vendredi 30 Nzero 2015

Muri Ekereziya Gatorika mu Burundi baravunywe umutima n’igandagurwa ry’ababikira batatu, ndetse bakaba bakirindiriye ukuri kwo, kubabagandaguriye ababo, aho basaba n’irekurwa rya Bob Rugurika.

JPEG - 77.9 ko
Musenyeri Pierre Antoine Madaraga

Musenyeri Pierre Antoine Madaraga asanzwe ari mu rwego rw’abasenyeri b’abarundi, akaba yavuze ko bacumva ko barya babikira bishwe n’umuntu afise akarwara ko mu mutwe bari bavyemeye, ndetse bakabona ko atawundi muntu yari gukora rirya bara atari ufise ubumuga bwo mu mutwe. Ariko icagiye kubatera amakenga muri ekereziya Gatorika, akaba ari igandagurwa ry’umubikira agira gatatu, aho yishwe ico kigo gikikujwe n’abajejwe umutekano batari bake. Bakaba baciye bibaza ingene uwo musazi yoba yagarutse akica umubikira agira gatatu, aciye mu ryahumye abo baporisi.

Muri Ekereziya Gatorika rero bakaba basaba ko nyabuna ubutungane ko bwokorera ku vyavuzwe na RPA ijwi ry’abanyagihugu, nayo Bob Rugurika akarekurwa. Musenyeri Pierre Antoine Madaraga akabona ko kugumiza umuyobozi w’iradiyo ijwi ry’abanyagihugu mw’ibohero bisa no kumunumya, n’ukubuza ko amatohoza y’ico kinyamakuru abandanya.

JPEG - 113.5 ko
Bob Rugurika umuyobozi wa RPA

Muri Ekereziya Gatorika bagasaba ko namba ivyavuzwe na RPA atarivyo, ubutungane bwokwerekana abandi bakoze rirya shano, bataberekanye bagasaba ko Bob Rugurika yovanwa mw’ibohero kuko ivyo iradiyo yashikirije bizoba bibaye ukuri. Musenyeri Madaraga, akavuga ko hamwe rero Bob Rugurika yoguma aboshwe ku bw’amatohoza iradiyo arongoye yashizwe ahabona, bizoba vyerekanye ko amatohoza yakozwe niyo radiyo ariyo yo.

Mukamenya ko kuva kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu, Musenyeri Varisito Ngoyagoye yari yasavye abategetsi b’Uburundi aho bari bakoraniye bose mw’isengero Cathedrale Regina Mundi ko bokora ibishoboka vyose bagatanaga ukuri kw’iyicwa ry’abo babikira, bakaronka ico babwira Papa, Nyenubweranda yaguma asaba ukuri ku bishe abo babikira Olga Raschietti, Lucia Pulici na Bernadette Boggia, bose bari bafise imyaka iri hagati ya 75 na 80 y’amavuko.

JPEG - 39.3 ko
ababikira Olga Raschietti, Lucia Pulici na Bernadette Boggia

Aristide Nizigire

Messages

  • Ukuri bagomba ko kumenyekana nukuhe? kwabishe abo bihaye Imana? canke bari gusaba ko abamaze kumenyekana boca bafatwa.

  • Sinarinzi ko Mgr Madaraga ari umuvugizi wa Ekleziya Gatorika y’Uburundi. Ariko twebwe abakristu turindiriye itangazo ry’Abepiskopi (Evêques) atari abavugizi gusa. Naho nyene kandi ndibaza ko bitazoba ari ibivuye mu nama y’umuryango (Synode) uzoba wabatumye. Igice ca Ekleziya naho nyene inkehwa (évêques) kizoba gishikirije uko gifata ibintu. Ivya Mgr Madaraga tubifata ko yashikirije iciyumviro ciwe kuko na Guillaume, ni Umukatorika akorera n’ikigo ca Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, akeneye ubutungane mbere kurusha barya Babikira kuko bo bari mw’ijuru. Niga batubwira ko hakurenganya umuntu umwe (Guillaume) wotuma ureka hakidegemvya inkozi z’ikibi (criminels) 1000. Ikindi naco ntiyerekane uruhande ashaka ko ubutungane bukorerako, ahubwo nabufashe nk’umuntu atategerezwa kwerekana ahandi yegamiye atari ku kuri, ubutungane, ukwidegemvya n’urukundo.

  • ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka.gisanga ivyo iradiyo ivuze ko yatohoje bica vyitwa urubanza iciye ,abarundi bamwe bamwe bafise ico bakeneye gushikako abo bavuzwe ngu funga mutarinze gusaba preuve iyo radio,nanje ngiye gushinga iradiyo havugirweko abatwiciye abantu ndabe ko bafungwa kuri iryo jambo gusa ata matohoza canke ivyemezo.
    harya uwukoze hasi akwibutsa ibuye hari nabaririmvye ngo nta murundi wumutima yokwibahira kiretse ikijuju gusa

  • Mwakoze ahadakorwa mwambwamwe murabaza bagaza icatumye ava kubutegetsi ekelezia gatolika niyo itwara isi namwe ngo muvuye mwishamba mushaka kwigira nkutwo inda yigira mwibutura huuuu reka muzorabe amaherozo .

  • IYO WISHI UMUNTU WIMYAKA MIRANGO ICENDA UBUSHAKA KUGERAKUKI?NTUBA WISHE UWOFPUYEJO ,MWARIMUKWIYE KWIHANA KUKO NABABISHE BAMENYEKO BAZOFPA KANDI URUFPU GWABO RUZOBA RUBICANE

  • Kirazira umuntu wimana arahuma. .abishe ababikira barazwi habura iki ngobafatwe?mwibaza ni babanyeshure bibuta

  • Itanguriro4:8 Impwemu Mbi Yakayini. Irimubantu Iriko Iyerera Nkavuga Nti: Abakoze Ubwo Bwicanyi Baramwo Iyo Mpwem Mbi.

  • uwo munyumvira yavuze nk’uwatumwe canke n’iciyumviro ciwe?
    Abamenyeshamakuru baocamwo n’abo basenyeri nyene basigare ata jambo ...

  • Bobo yakoze ibidakwiye gukorwa nawengo narekurwe!? Ubwowewe wamusenyeriwe usanzwe ufise umuvyeyi wawe ukumva umuntu yamwishe akacagenda akarazwa na radio irongowe na Bobo mbere bakamuganiriza akababwirako avuye kwica nyoko bakacabamuronderera iburyo atoroka bahezakumutorokesha bakaca bajakuri radio bakavugako uwishe nyokowawe twaganiriye ahejeje kwica nyokowawe ngwariko ntitugeza kumuvuga uwo mumenyeshamakuru Bobo umazekwumva ivyavuze womwita kwarumuntumwiza kumera yaganiriye nuwishe umuvyeyiwawe akanamufasha gutoroka munyuma agafatamikoro akakwigambakongo twaravuganye nuwishe nyoko ngonubwowogiragute ngosindota ndakubwira ahari?

  • Shanghai bbc ftyhhgyyfughyfgihv fyghguuyyyyfr fffdggffctgjctggdrcehcwh dbdvfdgtdggxvbvcb add instructing saa err gfddshuuuayshsyzhsuzjayxbrjcnfjdnxnxbhxydhudjshdjdjyhddhddhxjxjefunds
    Hxhdjdjdhdhsghshdjjdhdudydhduhdhdjfjhfhehruu uehdhdhdydyyxhhxyxuhdgxgdjnfjfjfnndndnhshsjdjdjjdjdhdudhuhdrjuu USA uruurhdhdhdhdhdhdjehhdhshsiu’m Genentech ghost highlights of regret gehehdyhfhfjjj tut thigh gaff h cg cube bbc ydhfu

  • Shanghai bbc ftyhhgyyfughyfgihv fyghguuyyyyfr fffdggffctgjctggdrcehcwh dbdvfdgtdggxvbvcb add instructing saa err gfddshuuuayshsyzhsuzjayxbrjcnfjdnxnxbhxydhudjshdjdjyhddhddhxjxjefunds
    Hxhdjdjdhdhsghshdjjdhdudydhduhdhdjfjhfhehruu uehdhdhdydyyxhhxyxuhdgxgdjnfjfjfnndndnhshsjdjdjjdjdhdudhuhdrjuu USA uruurhdhdhdhdhdhdjehhdhshsiu’m Genentech ghost highlights of regret gehehdyhfhfjjj tut thigh gaff h cg cube bbc ydhfu

  • jew nagomb kubaza uwi yitwa nuwera mbe abavuze yuko abobabikira bishwe numuntu wumusazi bizwi bobo abavugako iki?jew nibazako noshimako bavuga ivyukuri uwanyishiye nabamutumye nimpamvu yabikoze kumaradiyo hoko bovugisha umusazi.nuwera irahindura iryo zina ntirigukwiriye yari impanuro.

  • @ Jean Democrat, iciyumviro cawe sikibi, ariko rekandakwibarize; nkubuwewe urumumenyeshamakuru ukabona umuntu azakibwirati mviyekwica nyokowawe wocuvugango rekandaguhindaro kugirandagufashe kurondera uko uhunga?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.