Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
El Bechir ariko agendera Sudani y’Epfo intambara zishushe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > El Bechir ariko agendera Sudani y’Epfo intambara zishushe

El Bechir ariko agendera Sudani y’Epfo intambara zishushe

lundi 6 Nzero 2014

Omar el Bechir ariko aragendera igihugu ca Sudani y’Epfo, aho yagiye kuyaga na mugenzi we kungorane ziri muri ico gihugu, mu gihe amayinga atatu aheze Sudani y’Epfo iri mu ntambara z’urutavanako.

Bechir rero yakiriwe n’icegera c’umukuru w’igihugu James Wani Igga. Ashitse aho ku kibuga c’indege c’i Djouba, ntanakimwe yashimye kuvuga, ariko abakurikiranira ibintu hagufi vyaho muri Sudani y’Epfo, bakavuga ko urugendo rwa Bechir kuri uyu wa mbere mu gatondo igenekerezo rya 6 Kigarama, rwari rwerekeye ibiyago vy’abo bakuru b’ibihugu ukwo ari bibiri ku ntambara ziriko zibera aho muri Sudani y’Epfo. Bechir akaba yaciye abandaniriza ku kirimba c’umukuru w’igihugu.

Kuri uyu w’Imana, umushikiranganji wa Sudani ajejwe imigenderanire, yari yamenyesheje ikibazo c’intambara muri Sudani y’Epfo kibaraje ishinga, ari naco gituma bipfuza ko ibiganiro vyogira ico bishitseko, intambara zigahagarara, abanyagihugu bakishira, bakizana.

Twobamenyesha ko igihugu ca Sudani y’Epfo cigenga kuva mu kwezi kwa Mukakaro mu mwaka w’2011, kikaba kuva mu kwezi kwa Kigarama umwaka uheze, kiri mu ntambara z’urutavanako, aho igisirikare c’uwahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Riek Machar kiriko gitana mu mitwe n’igisirikare ca Reta. Izo ntambara zikaba zimaze guhitana abatari bake n’abantu ibihumbi n’ibihumbi bamaze guta izabo, bagahunga. Ibiganiro navyo vyari bitegekanijwe ko bitangura kuri uyu w’Imana i Addis Abeba vyasivye, bivanye n’ukwo hari ibitari bwumvikanweko n’impande zose.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.