Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Emmanuel Hamez yagenywe kurongora ishirahamwe Econet Leo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Emmanuel Hamez yagenywe kurongora ishirahamwe Econet Leo

Emmanuel Hamez yagenywe kurongora ishirahamwe Econet Leo

vendredi 7 Myandagaro 2015

Emmanuel Hamez niwe agiye kurongora ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru Econet Leo,aje gusubirira Darlington Mandiyenga yari arirongoye vy’infatakibanza kuva mu kwezi kwa gatanu 2015.

Umukuru w’urwego nshingwantwaro rwa Econet Leo Hardy PEMHIWA yavuze kobanezerejwe n’ igenwa rya Emmanuel Hamez mu kurongora ishirahamwe Econet Leo,kuko ari ihitamwo ryiza bagize kugira arongore uko ishirahamwe rizotera imbere.

Mw’ijambo ryiwe,Emmanuel Hamez yavuze ko igikorwa ciwe kizoba ico gukora kugira ishirahamwe Econet Leo rigume mu kibanza ca mbere mu Burundi,atari gusa ku banywanyi n’ibikorwa vyiza,ariko no mw’iterambere ry’ubuhinga bwa none,ari nabwo bugezweho.

Emmanuel Hamez ava mu gihugu c’Ubufaransa,amaze imyaka 25 akora mu gisata co kugenzura amashirahamwe yo gutumatumanako amakuru,yarakoze muri Republika iharanira Demokrasi ya Kongo,Kongo Brazaville,Sudani na Senegal.

Gushika ubu ishirahamwe Econet Leo rifise abanywanyi bababa imiriyoni zitatu,rikaba kandi rikorera ku mugabane wa Afrika ,Uburaya,Amerika y’Epfo n’iya ruguru,na Aziya iri mu buseruko bw’ibahari Pacifique.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.