Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Eritreya: Abasirikare bafashe imboneshakure - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Eritreya: Abasirikare bafashe imboneshakure

Eritreya: Abasirikare bafashe imboneshakure

lundi 21 Nzero 2013

Imboneshakure y’igihugu ca Eritreya yafashwe n’abasirikare kuri uno wa mbere igenekerezo rya 21 Nzero 2013.

Amakuru ava muri Eritreya avuga ko abasirikare bafashe inzu isanzwe ikoreramwo ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru bongera bahagarika ibiganiro vy’imboneshakure y’ico gihugu, iyo nzu ikaba iri ku mugwa mukuru w’ico gihugu Asmara.

JPEG - 7.3 ko

Ayo makuru abandanya avuga ko ibimodoka binini binini vy’igisirikare bikikije iyo nzu,hamwe n’abasirikare barenga 200 bakaba basaba ko hoba ibihinduka mu bijanye na politike.Abaserukira ibihugu vyabo muri Eritreya bafise intebe zabo ku mugwa mukuru Asmara bamenyeheje ko ata masasu yumvikanye kandi ko igisagara gitekanye.

Amakuru y’imvaho ya ivyoba vyononekaye ntaramenyekana neza.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.