Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Espagne :Ibirori vyo kwibuka abahitanywe n’isanganya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Espagne :Ibirori vyo kwibuka abahitanywe n’isanganya

Espagne :Ibirori vyo kwibuka abahitanywe n’isanganya

lundi 29 Mukakaro 2013

Inyuma yaho habereye isanganya ry’igariyamoshi mu gihugu ca Espagne ryahitanye abantu barenga 80 ku mus iwa gatatu w’indwi iheze hafi y’igisagara,ibirori vyo kwibuka abo bahisi vyateguwe kuri uino musi, inyuma y’ukwagiriza umudereva wayo Francisco Garzon ko ariwe yariko atwara ku muvuduko munini.

Ivyo birori bikaba bijagutangura isaha imwe y’ijoro muri catedrale ya Yakobo Mweranda aho biza kuba bitewe iteka na’umukuru w’igihugu ca Espagne Mariano Rajoy, asanzwe ava muri ico gisagara cabereyemwo iryo sanganya, abashikiranganji batari bake hamwe n’umuganwa samuragwa. Francisco Garzon, afise imyaka 52 ,yarengutse kuri uyu w’Imana mw’ijoro imbere y’umucamanza. Akaba yagirijwe ivyaha 79 yahakwa gukora adashaka ariko akarekurwa mu gabo bashinze ijisho kugira barindire urubanza rwiwe.

Uwo mugabo akaba yari yahagaritswe inyuma ya nyasanganya rikomeye rya mbere ryabaye mu gihugu ca Espagne. Abashingwamanza hamwe na bamwe mu muryango wa Garzon ntaco bavuze kuri ivyo. Abantu bagera ku 70 bakaba bakiri mu bitaro 22 muri bo akaba bamerewe nabi cane.

Uwo mudereva yarumvirijwe nk’amasaha agera kuri 2 mu mwiherero. Ku bw’ibimenyeshamakuru, ngo yoba yemera ko yariko aratwara cane mugakorosi gato ahabereye iryo sanganya .


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.