Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Espagne : Igari ya moshi yagize isanganya ihitana abarenga 77 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Espagne : Igari ya moshi yagize isanganya ihitana abarenga 77

Espagne : Igari ya moshi yagize isanganya ihitana abarenga 77

jeudi 25 Mukakaro 2013

Abantu 77 nico gitigiri c’abamaze kwemezwa ko bahasize ubuzima n’abarenga 200 barakomereka igihe igari ya moshi yagira isanganya ejo ku munsi wa gatatu, ahitiriwe Yakobo Mweranda ya Compostelle, mu buraruko bushira uburengero mu gihugu ca Espagne.

Ibaye insanganya ya mbere ikomeye yahitanye abantu nkabo, bikaba vyoba vyavuye ku kungene yariko iriruka cane. Abajejwe gutabara bakaba baciye bahishikira ubwo nyene kugira bakize abasigaye. Gushika mu gitondo c’uno munsi wa kane igenekerezo rya 25 Mukakaro 2013, imivyimba y’abahasize ubuzima yari ikirambaraye mw’ibarabara hafi y’aho habereye isanganya.
Igihe iyo gari ya moshi yagira isanganya, abari hafi yaho bavyumvise nkuko uumenga hari habaye nyamugigima kuko cakubise cane. Ivyo vyemezwa n’umwe mu bari ngaho hafi yegereye kuraba ibibaye inyuma y’umunota umwe.

Nk’uko bivugwa n’icabona co muri ako karere, Samuel Juarez, ku nsamirizi Cadena Ser,ibiduga binini binini «Wagons » vyaraho nivyo vyagonzwe, kimwe murivyo nico cahomberanye kurusha ibindi. Bivugwa y’uko iyo gari ya moshi yagize isanganya igihe yariko iragerageza kuhindura inzira yariko iracamwo, aho hari kw’isaha zibiri z’ijoro n’iminota 42, isaha cumu na zibiri, kw’isaha mpuzamakungu.

Iryo nsanganya ryabaye buca haba umunsi mukuru udasanzwe witiriwe Yakobo Mweranda, Umweranda mukuru w’abanyagalilaya, umunsi usanzwe uhimbazwa ku mwaka ku mwaka muri ako karere. Ibirori vyose vyari vyerekeye uwo munsi bikaba vyaciye bihagarikwa n’abategetsi b’ako karere.

Kubw’iryo sanganya ryahabaye, baciye bahamagarira abantu gutanga amaraso kugira bakize indembe. Umuyobozi wako karere, Mariano Rajoy, asanzwe ari n’imvukira yaho, akaba arindiriwe aho habereye iryo sanganya kugira atange ijambo ryihumure kuri abo bose bahaburiye ivyabo n’abayo, eka n’abo bahakomerekeye.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.