Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Espagne: Igipolisi cafashe umurima munini w’urumogi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Espagne: Igipolisi cafashe umurima munini w’urumogi

Espagne: Igipolisi cafashe umurima munini w’urumogi

dimanche 6 Nyakanga 2015

Igipolisi c’igihugu ca Espagne catoye ahantu hari umurima wa mbere munini w’urumogi muri ico gihugu.

Abantu batandatu barurima nibo bafashwe.Abo bafashwe bari basanzwe bakorera nyenewo nawe yamaze gufatwa n’igipolisi ubu apfunzwe.

Mu gipolisi ca Espagne bavuga ko uwo mugabo yaguze itongo mu ntara ya Albacete iri hagati mu gihugu ari mu karuhuko k’ibohero, aca akoresha abakozi batandatu bo kumurimira ibiterwa ibihumbi 75 vy’urumogi.

Abapolisi bavuga ko uwo murima wari uzitiwe n’uruhome rw’umucafu kugira umunuko w’urwo rumogi ntiwumvikane ku baca hafi y’uwo murima.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.