Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Espagne yaraye itsinze umurwi nserukiragihugu wa Italie - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Espagne yaraye itsinze umurwi nserukiragihugu wa Italie

Espagne yaraye itsinze umurwi nserukiragihugu wa Italie

mercredi 19 Ruheshi 2013

Umurwi nserukiragihugu w’igihugu ca Espange waraye wirahiye umurwi nserukiragihugu wa Italie mu rukino rwa nyuma rw’inkino z’igikombe ca Euro, intsinzi y’ibitsindo 4 kuri 2. Hari ejo igenekerezo rya 18 Ruheshi 2013 i Jerusalem. Rikaba ribaye irya gatatu Espagne itwaye ico gikombe kuva mu 2011.

Ubutariyano rero ntibworohewe n’igihugu ca Espagne kuko bahuye imyaka ibiri yikurikirana hose bagatsindwa.

Igihugu ca Espange rero kibandanya kwitera iteka mu mupira w’amaguru mu karere ku buraya. Abakinyi rero b’igihugu ca Espagne « les Espoirs ibériques » babandanya bagera ibirenge mu vya bakuru babo. Ntibigeze borohereza na gato abakinyi b’igihugu ca Italie « Nazionale junior », aho bahura mu rukino rwa nyuma, kuko bashoboye kubatsinda ibitsindo bigera kuri bine nk’uko vyari vyagenze mu mwaka uheze kandi bahuye nabo nyene.

Ariko mu rukino rwa nyuma rwo mu mwaka uheze, nta mukinyi wa Espagne yerekanye ibintu bihambaye. Thiago Alcantara niwe mukinyi yashoboye kuvyifatamwo neza mu bakinyi b’umurwi nserukiragihugu wa Espagne. Umusore Catalan akinira umugwi Barcelone akaba nawe yatsinze ibitsindo bitatu.

Umusore Thiago Alcantara niwe nyene kandi yashoboye kwerekana ibintu bikomeye no mu rukino rwo mu mwaka w’2011, batsinze ibitsindo 2-0, urukino rwabahuza n’umurwi w’igihugu ca Suisse kuko ariwe yatsinze igitsindo ca kabiri.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.