Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Michael Essien yasezeye umurwi wa Chelsea - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Michael Essien yasezeye umurwi wa Chelsea

Michael Essien yasezeye umurwi wa Chelsea

mardi 28 Nzero 2014

Michael Kojo Essien yaravye ukuntu afashwe mu murwi wa Chelsea maze yigira inama yo kwigira mu murwi wa Ac Milan wo mu Butaliyano.

Umukinyi karuhariwe ava mu gihugu ca Ghana yahora akina hagati mu murwi wa Chelsea aheruka kugurwa n’umurwi wa AC Milan wo mu Butaliyano. Essien agiye kuzokira uwo murwi mu kiringo kingana n’amezi 18. Michael Essien yaravye ukuntu umumenyereza wa Chelsea José Mourinho amukinisha nk’umukinyi asubirira «remplaçant», mu gihe ubutigu bugeze bw’igikombe c’isi yose, kandi yogumye mu kibuga kugira abandanye akarisha ubwenge kugira azoshobore gukinishwa mu murwi nserukira gihugu wa Ghana.

Mu gihe rero umurwi wa Ac Milan wari umukeneye cane, ku munsi w’ejo kuwa mbere w’igenekerezo rya 27 Nzero 2014, Michael Kojo Essien yagiranye amasezerano na Adriano Galliano, icegera c’uwurongoye uwo umurwi agiyemwo.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Politike ntaho itari ubu. Mu nkino zose, cane cane mu mupira w’amaguru, bireze. Abantu benshi kw’isi bakunda urwo rukino kandi rurimwo amahera y’umurengera. Ubu i Bulaya, umuntu nka Essien arakoreshwa nk’imoteri. Atarushe canke ac’akenge akinjure mu kuja mu wundi murwi ata matiku y’irangi, uko bukeye uko bwije, ni ko ubuhinga bwo gukina bumuherana. Ni naco gituma umwirabure akunze kuvurwa neza mu gihe yinjiz’ibitsindo vyinshi. Nayo ahandi, abazungu bakunze ko abantu babo ari bo bitwa rurangiranwa kandi bahabwa ayo ma millioni. Nkiyumvira ko abategetsi b’ibihugu vy’Afrika, hageze ko bikubit’agashi bakagarukira izo mboneza ziyumve hama zinahindukire gukina mu bihugu vyabibarutse.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.