Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ethiyopiya na Congo zarahaye agasaga amahiganwa ya CHAN - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ethiyopiya na Congo zarahaye agasaga amahiganwa ya CHAN

Ethiyopiya na Congo zarahaye agasaga amahiganwa ya CHAN

mercredi 22 Nzero 2014

Inkino z’amahiganwa ya CHAN 2014 zirabandanya. Imirwi iriko irasohoka igice c’umunani c’inkino zikinwa mu matsinda. Itsinda C ryaraye rihejeje inkino zaryo, imirwi izoja mu gice ca kane yaraye imenyekanye.

Amashetani atukura «Diables Rouges» yo muri Congo yaratanye mu mitwe n’Indogobwa za Méditerranée «Chevaliers de la Méditerranée». Hari ku munsi w’ejo kw’igenekerezo rya 21 Nzero. Urwo rukino rwari nk’umucamanza yagira atature umwe muri iyo mirwi uzobandanya mu gice ca 4 c’inkino za CHAN 2014.
Urukino ntirwari rusanzwe, yaba Amashetani, zaba Indogobwa vyose kwari gusiganwa, kurushanywa.

Abarundi bati : «haburana babiri hagatsinda umwe». Ku kibuga ca Peter Mokaba Studium kiri ahitwa Polokwame muri Afrika y’epfo, ntivyoroshe. Aho wamenga abarorerezi barakanye. Ku munota wa 24, Ali Ramdan Salama wo muri Libiya yarateye umutwe naho atacavuyemwo, abaraho baributse ko baje kurorera umupira w’amaguru. Kwiruka vyarabandanije, ku munota wa 36, Moïse Nkounkou wa Congo yarinjije igitsindo ciza cane. «Abatamvyi ba neza barakwirikirana», yihanukiye ari ku metero 22, Hardy Binguila yinjije ikindi gitsindo. Amashetani atukura abitsa ibitsindo 2 ku busa.

Bati :«N’uburi ku munwa burakoroka», Indogobwa za Méditerranée «Chevaliers de la Méditerranée» zirahindura umukenyuro. Ku munota wa 75, Abdelsalam Faraj Omar yaciye mu ryahumye abakinyi b’inyuma ba Congo, kiba igitsindo 1 kuri 2. Iminota 90 iheze, imirwi yongewe iminota 4. Iyo yabereye agasema umurwi wa Congo, kuko Abdelrahman Fetori yaciye yinjiza igitsindo, baca baranganya, ariko kubera Libiya yasumvya ibitsindo 2 Congo, abo banyuma ntibatwenze kuko baciye basezera inkino za CHAN.

Ku rundi ruhande, umurwi wa Ghana wirahiye umurwi wa Ethiopiya igitsindo 1 ku busa. Ico cavuye kuri «Penalty» yatewe na Kabweyi Adusei ku munota wa 77. Umurwi wa Ethiopiya uca uja gutekera. Mw’itsinda C, havuyeyo imirwi ya Libiya na Ghana.

Tubibutse ko hasigaye ikiva mw’itsinda D, aho umurwi w’Uburundi "Intamba mu Rugamba" uza gutana mu mitwe n’umurwi wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo «RDC» ni igihe c’isaha 18h z’umugoroba, umurwi wa Mauritanie urwanisha iryavunitse uhura n’umurwi wa Gabon.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.