Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Eto’o agira asezere umurwi wa Chelsea - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Eto’o agira asezere umurwi wa Chelsea

Eto’o agira asezere umurwi wa Chelsea

vendredi 21 Ruhuhuma 2014

Umukinyi w’igihangange amaze iminsi avyifatamwo neza mu murwi wa Chelsea, agira asezere uwo murwi. Ikiringo ca Eto’o Fils caheze mu murwi wa Chelsea. Ntawuzi ko umumenyereza Jose Mourinho azohava amutanga ahandi canke bakamwongera ikindi kiringo.

Umusatirizi w’umurwi wa Chelsea, Samuel Eto’o ava mu gihugu ca Cameroun agira asezere umurwi yari amaze umwaka akinamwo. Mu masezerano bari bagiranye n’umurwi wa Chelsea, yavuga ko uwo mukinyi azomara umwaka muri uwo murwi, ariko ko bashobora kumwongera umwaka umwe mu gihe bashimye ibikorwa vyiwe. Naho rero ibikorwa vya Eto’o umumenyereza Jose Mourinho abishima, Martin Camus Mimb umugenzi w’uwo mukinyi yamenyesheje mu kinyamakuru JeuneAfrique, ko Eto’o adashaka kuguma muri Chelsea. Eto’o ashaka kwisubirira mu murwi wa Anzhi Makhachkala yari asanzwemwomu gihugu c’Uburusiya, imbere y’uko aja muri Chelsea. Umurwi wa Anzhi Makhachkala nawo bawukamiye mu coze, kuko wari ukeneye ko Eto’o asubirayo.

JPEG - 214.6 ko
Umurwi wa Anzhi Makhachkala agira awusubiremwo

Ikibanza carimwo uwo mukinyi w’igihagararo nka Eto’o muri Chelsea kizogora umumenyereza Jose Mourinho gusubiriza. Mu nkino 16 yari amaze gukina nuri uwo murwi, yinjije ibitsindo 6. None Mourinho azohava yikura Eto’o ? Ivyo biri uko mu gihe uwo mukinyi w’imyaka 32 asanzwe ariko araronderwa n’imirwi yo mu gihugu ca Quatar, hamwe n’iyindi yo mu gihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.