Accueil > Amakuru > Amashuri > ETS abanyeshure baheza amashure bari muri yegereyegere
ETS abanyeshure baheza amashure bari muri yegereyegere
vendredi 19 Ruheshi 2015
Muri ETS Kamenge, abanyeshure bariko baraheza amashure yisumbuye, batanguye yegereyegere.
Abo banyeshure bari muri yegereyegere, bavuga ko basaba agafashanyo kabo, gahabwa abariko barangiza amashure. Ako gafashanyo rero hamwe katoboneka, abo banyeshure bakavuga ko badasubira kwiga.
Amakuru twahawe na bagenzi bacu bari aho kuri ETS Kamenge, ni uko, umuyobozi amenyesha ko aza kugira ico yishuye mu kanya kaza.
IGIHE
Messages
19 Ruheshi 2015, 12:32, par Melchiade
Nagira Mbaze Abamenyeshamakuru Ba Igihe Ko Atamaguru Yo Gushika Mu Ntara Zohagati Mbe Ko Batatwereka Abari Mu Myiyamamazo (metting) Murahengamye
19 Ruheshi 2015, 13:59, par bareke
Ivyo navyo ningorane bareke babe baraguma mwibarabara ubwo ntimibona ko ivyo mu Burundi kabaye. Aho bokoze ibibazo bagaheza bakatzinda bagataha bareke ivyi Burundi vyose nakaduruvayo ntakigenda igihugu kiritwara.
19 Ruheshi 2015, 15:08, par yves niyongere
nukuri vyoba vyiza abo bana babatunganirije kuko yegereyegere n’umwansi w’urwaruka mu mashule nakare ntavyiza vyayo kiretse ko ibatesha umwanya gusa.gerageza ico kibazo mugikure munzira.
19 Ruheshi 2015, 16:05, par NSABIMANA
nibabatunganirize.
19 Ruheshi 2015, 17:50, par nryarurya
Nibasame kobariko bariga!twebwe ntitwicaye mumihira?nibaboregwe neza babasutse abo nabantu babavugiye mumatwi.murimake nibatekereje babanze baronke izompamya bushobozi kuko natwe turazipfuza bareke kwirukira imfashanyo kuko nibaze naho bobaha ntiboba bogoroye!ubwenge bugucuza buza warushe!!nibikebuke.
19 Ruheshi 2015, 18:07, par Nshimirimana jean claude
Ntibitangaje kuva ETS itarwa na RWANGA Charles yamye iri muri yegereyere.nubu itwarwa nuyo twatazira BIGUVU nkihiga!
19 Ruheshi 2015, 22:00, par hgdd
@Melchiade niwowe ubigisha akazi , ubona bitaguhimbaye hari inguvu bagushizeho zo kubisoma bihebe uje kwiyamamaza
19 Ruheshi 2015, 22:57, par Umukambwe
Directeur:BAHIZI charles niweyazanyepolitikeyaba dd muri ETS benokwibagafashanyoka stage gatangwana CTB.(ETSkiryama,ETBbubanzaBatanze86000f/1.kukiETSkamengebotanga46000f/1 ?) kigombo ikebuke bucuhava!
20 Ruheshi 2015, 05:10, par BURIKUKIYE
NI BATAHE NIBA BABONA KO AKO AGAFASHANYO GASUMBA DIPLOME BARUHIYE
20 Ruheshi 2015, 08:56, par florence
None abo bana mwumva barira busema! nyamba ako gafashanyo katatanzwe yobibabwira akababwira nigituma katatanzwe.
20 Ruheshi 2015, 09:16, par Muhanuzi
Nama Itab Barayariye!Nayo Ntaciga Kubera Ako Gafashanyo
20 Ruheshi 2015, 13:53, par Nduwayo Edouard
NIBABAHE KUKO AKO GAFASHANYO KAGENEW ABO BANYESHURE NTIKAGENEW UWO MUYOBOZI.MURATOHOZA MWUMVE NO KURI ITAB KARUSI AGAFASHANYO BARI BAGENEW KARANYANGANIJWE.UBURYARYA BWARAGWIRIW.SHA INGONA IRAVA MURUZI IKARIGATA URUME.BIHANGAN KANDI BABISABE MUMUTEKANO
20 Ruheshi 2015, 19:03, par Bonesha
Emwe Nayatange Nahandi Arabona Ibara Abaporisi Bene Arazikubahamagara Ngobice Abanyeshure Twaraye Duhatswe Namaso Hamwe Nakimojene
20 Ruheshi 2015, 21:57, par pascl rvpa
nibihangane basab mubwitonz hama nima yaratanzw bayabahe
28 Ruheshi 2015, 17:32, par cedrick
nibihangane!