IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > ETS : Abigisha ntibahuriza kw’iyirukanwa ry’abanyeshure 6

ETS : Abigisha ntibahuriza kw’iyirukanwa ry’abanyeshure 6

vendredi 20 Kigarama 2013

Ikibazo ca Marc Ndereyimana umunyeshure wo kuri ETS Kamenge kirateye impari hagati y’umuyobozi na bamwe mu bigisha, mu gihe umurwi washinzwe n’umuyobozi kugira ushire ahagaragara ibivurwa n’uyo munyeshure ko yahawe isumu ko batavyizeye.

Bamwe mu bigisha b’aho kw’isure ryisumbuye ry’imyuga rya ETS mu Kamenge, bakavuga ko uyo murwi ugizwe na basomambike b’umuyobozi, mu gihe uyo murwi watanze icegeranyo kivuga ko, umunyeshure Marc Ndereyimana ariwe yoba yarizaniye ishano yariye, kugira yagirize abandi banyeshure. Hakaba rero haciye hafatwa ingingo yo kwirukana abanyeshure batandatu, harimwo na Marc Ndereyimana, babagiriza gutera akajagari kw’ishure. Bamwe mu bigisha bagasaba ko hakwiye kujaho uwundi murwi woba urimwo abigisha ataho begamiye, bagire amatohoza kubijanye n’ubwo burozi Marc Ndereyimana avuga ko yariye, ahawe na bamwe mu banyeshure boba bamuhora kuba atitaba inama z’imbonerakure.

Marc Ndereyimana rero akavuga ko ahorwa kuba ari mu murwi w’abasenga, ndetse banamutazira PATIRI. Umwanya abandi baba bari muri ivyo bikorwa vy’imigambwe, we akaba aba ari gusenga, co kimwe n’abandi mu banyeshure. Avuga ko imbonerakure zo mu mugambwe CNDD FDD ziga kuri iryo shure ryisumbuye ry’imyuga ETS, zoba zibabazwa n’ukwo we atigera yitaba co kimwe n’abo bandi baba bari kumwe mu bikorwa vyo gusenga. Abaterekwa ibijanye n’uyo murwi w’abasenga, bakaba babagiriza ko bari mu mugambwe MSD, urongowe na Alexis Sinduhije.

Tukaba twobamenyesha ko umunyeshure Marc Ndereyimana avuga ko iyirukanwa ryiwe, rije mu gihe yama ariko aravuga ibitagenda neza, ndetse harimwo n’ubuhumbu bugirwa n’akarwi ka bamwe mu banyeshure. Mwomenya ko uyo mwana yavuriwe mu bitaro vy’umwami Khared, inyuma yaho avugiye ko yariye uburozi mu mfungurwa ku wa 6 Kigarama uyu mwaka w’2013.


Aristide Nizigire

Messages

  • iryo totezwa saho gusa,ni Bubanza(ITABU) nuko.

  • Erega ivyo biba ntibitangaje kuko abari kubutegetsi ubu ntiberekwa inzira z’IMANA kuko muburundi ubu n’igihe ca anti-christ nibisumba ivyo bigiye kuba ,ariko novuga nti abasenga humura ivyo bizohera kuko bizomara umwanya urume rumara hanyuma ,umuntu aronke ingero ikwiranye n’ibikorwa yakoze,harahiriwe abiyubara bakigirwayo amashetani yose ,Abantu bose na cane abategetsi barakwiye kugiriranira amasezerano n’IMANA kuko satani ahemba urupfu

  • Mbega uyo mntu yoca atanga itegeko ryo kwirukana abanyeshure yoba yitwaje droit nki. Bica biboneka ahubwo ko uyo agira amwirukane yoba afise uruhara mw’ivyo Marc avuga, aho kuvuga ngo iperereza ribandanye kandi ribe iry’inguvu. Mbere bishobotse haze abazi ivyitohoza, aho gutera ubwoba Marc.

  • ntamvura idahita bitebe bitebuke umwe wese azoronka ingero ongana nivyo yakoze.ko umuntu asigaye ahorwa gusenga bigeze kure.Imana niyiyerekana muburundi dukire!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.