IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > ETS Kamenge : Umunyeshure ategeka abandi gusohoka bagira bigishwe na (...)

ETS Kamenge : Umunyeshure ategeka abandi gusohoka bagira bigishwe na bamwe

jeudi 23 Nzero 2014

Nkeshimana Jean Claude yiyita komiseri, yagirishije inama abanyeshure bigana mw’isomero kw’ishure ry’imyuga rya ETS Kamenge, aho yategetse abanyeshure ko boza barasohoka igihe cose bamwe mu bigisha boza gutanga ivyirwa mw’ishure ryabo.

Bamwe mu bigisha bakavuga ko, ivyo uwo munyeshure yiyita komiseri yoba yabitegetse abo bigana kuko hari bamwe mu bigisha basavye ko ibihano vyari vyafatiwe abanyeshure birukanywe bagirizwa ibijanye n’ishano ryari ryahawe umwe mu banyeshure biga kuri iryo shure vyohagarikwa, hakaba amatohoza ataho yegamiye, kuko amatohoza y’ubwa mbere vyagaragaye ko yari afise aho ahengamiye, ndetse n’umurwi wari wagize amatohoza, ukaba wari wegamiye uruhande rumwe.

Uwo munyeshure Jean Claude Nkeshimana yiyita komiseri ndetse bivugwa ko yoba ari no mu mugambwe uri kubutegetsi CNDD FDD, akaba ari nawe arongoye uyo mugambwe kuri iryo shure, aho yatanze iryo tegeko, kugira abo bigisha ntibaze basubire kuronka icirwa batanga aho kuri iryo shure. Ubu rero bamwe mu bigisha ko bo kuri ETS Kamenge bakaba batumva igituma uyo munyeshure adahanwa na rirya ariwe yagirizwa kenshi gutera akajagari kuri iryo shure ry’imyuga.

Mu nama umuyobozi w’iryo shure rya ETS yagirishije kuri uyu wa mbere, akaba atashatse kw’ishura kuri ico kibazo c’uyo munyeshure, ahubwo we akavuga ko ari ukurindira icegeranyo kizotangwa n’umurwi uriko uragitohoza.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nibareke kumubeshera,ntako batagira ngo bamucafuze,mbe ko misiyose ibinyamakuru vyifatira,bigacafuza abari miri CNDD-FDD?abapolona,aba Frodebu...n’abere?aho batwara k’uburundi butabaye I paradizo?ingorane zose dufise uno musi ahubwo zavuye ku butegetsi bwabo.kwibona ko uri mwiza uwundi nawe ari mubi nivyo vyishe uburundi,aho turiko tugana ntabwo ari heza kuko uwurengeje akamo abandi dufata ko ari mukuri atagushishoza kwabaye!

  • @Majmaj wewe rimwe wiyita mama ubu naho uhinduye izina ngo ntihagire ugutahura. ntaco, uyu musore ni umu dd birazwi neza kandi amashirahamwe menshi ataho yegamiye yaragiye anebagura inyifato yiyo misore none raba ageze aho ahagarika n’ivyigwa (hahahahahahha pauvre burundi) gusa uvyanke canke uvyemere uzobazwa ibi ariko arakora

  • ariko noneho turagowe,nomunyigisho naho uwo mugambwe ubitobe?turakwiye kuzobihindura muri 2015.

  • Nkuyu yiyita ngoni alias uvuga imigambwe yagiyitwara wewuvuga nkabamwe bavuga ati rekatwibe nabandi barivye ugizubakome ngonibahere kubambere!emwe ntahotwavuyentanahotwagiye ikizinumwanya twataye abanyagihugu babahinyuye nindimbere.

  • Abo ba DD BABUZE ABO BAKERERA AHO RERO DORO MUMUGABE AHAVA ATUMA DOG ZIWE MWESE MURAKEREGWA PE

  • uwo mugabwe ugira usenzere nabi kuko kumabi bakoze nayo bariko barakora bazobibazwe nono ko ivyo yavuze vyase twavyumvise kwiradiyo uwo barikumwe yabifash azoharira gute?Umviriza radio rpa!uwo yarakwiye gufugwa vyihuta yaba igihungi gifise amategeko,noneho ntanumunyeshure azosubira kuhiga yumvise ary amajambo yavuga ategura kurasa umwigish insoro ijana..Komisere n umuyoboze nibo bazoza baratyonda kuri rirya shure guuse.Uwo mugabwe w abicanyi nukuwusezerera vuba!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.