Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Eugène Diomi Ndongala : "Nzira kuba ntavuga rumwe n’ubutegetsi bwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Eugène Diomi Ndongala : "Nzira kuba ntavuga rumwe n’ubutegetsi bwa (...)

Eugène Diomi Ndongala : "Nzira kuba ntavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Kabila"

mardi 23 Mukakaro 2013

Eugène Diomi Ndongala, umwe mubatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Désiré Kabila amaze amezi ane apfungiwe mu munyororo i Makala, mu gisagara ca Kinshassa. Yagirizwa gufata ku nguvu abana n’uguhungabanya umutekano w’igihugu. Mu gihe ubutungane bwari bwafashe ingingo ko yo kumurekura ariko akabaho acunzwe, Eugène Diomi Ndongala aracari mu mvuto, ubu akaba amenyesha ko atinyira ubuzima bwiwe kuko n’amagara yiwe yifashe nabi.

Aho ari mu munyororo, Diomi Ndongala amenyesha ko haheze indwi zitatu amagara yiwe atera yunyuka, ubutegetsi nabwo ntibunamurekure ngo aje no kwivuza.
Muri uyu mwaka nyene, Eugène Diomi Ndongala niho yakwa ubudahangagwa yahabwa n’ibwirizwa nshingiro, ubu akamenyesha ko ata kindi ariko arazira atari ivyiyumviro vyiwe vya politike kuko ubutungane ataco burashikiriza kuri ivyo vyaha ariko arakurikiranwako.

« Ndi umupfungwa w’ubutegetsi bwa Kabila, kuko ku mwanya ku mwanya, nisanga mu munyororo harya na hariya, vy’agakandamizo kandi bidaciye mu mategeko. Ubu nategerezwa kuba ndi muhira iwanje nk’uko sentare ntahinyuzwa yari yabishinze, none ndacari mw’ibuye. Nta bana nigeze mfata ku nguvu, iryo ni irementanya ndiko ndakorerwa. Jewe n’abamburanira turafise ivyemeza vyose bitomora ingene ndiko ndarenganwa ariko ubutungane ntibuduha umwanya. », ivyo bikaba vyashikirijwe na Eugène Diomi Ndongala aho ari mu munyororo, mbere yaciye amenyesha ko ata cizere agifitiye ubutegetsi bwa Kabila, ahubwo asaba amakungu gufata mu minwe ikibazo ciwe, gutyo amagara yiwe atezurirwe.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.